Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomeLoveGukundwa n'abakobwa benshi bisabwa ubundi bwenge '' Singombwa ngube uri mwiza !

Gukundwa n’abakobwa benshi bisabwa ubundi bwenge ” Singombwa ngube uri mwiza !

Ushobora kwibaza ikintu bamwe mu bahungu bakora gituma abakobwa benshi babirukira , aho benshi mbere mu barundi baba hano muri Leta zunze ubumwe za America bibaza ko amahera yuko ari co gikoresho gikomeye mu kuba wobasha kwigarurira umukobwa, nyamara umurongo wa ” speakeseduction.com ” uraduha uburyo bworoheye buri wese mu gikorwa co gukurura inkumi yakoresha.

Nimba ubonye amahirwe yo guhura n’inkumi gerageza kuyiganiriza uyibaza utubazo tworoheje kandi tumuraba ariko nagera aho ashaka kukumenya ugerageze kubigarura kugirango bibafashe gukomeza ikiganiro, gusa wirinde kuvuga menshi no guhakana cane.

Irinde kugaragaza ko umufitiye urukundo cane kugira ngo atabona ko warengeje akazibukira, ariko uko mugenda murushaho kumenyana utangure uze uramwereka kumukunda kuko bizotuma yibuka ko nawe uri umuntu nk’abandi.

Nimba umugaragarije urukundo umufitiye, nyene ubwiwe akabibona ariko ntagire ico agusubiza canke akwereka , ibi bigaragaza ko wabikoze mugihe kitari co ubwo itonde hacemwo akandi gahe kugeza igihe uzabonera konawe vyatanguye kumujamwo, burya ikosa abahungu benshi bagira nigupfa gusaba umukobwa urukundo kandi batazi neza ibibazo aba yifitiye uwo mwanya ubu ugiye kumusaba ivyo gukundana”

Nyuma rero mubwire ko ukeneye ko mwosangirira hamwe nk’abagenzi ndetse ko hazaba hari n’abandi nka we, niyanka umugaragarize ko nta kibazo biguteye ko buriya arah’ikindi gihe, bizatuma yumva ko nta cari kivyihishije inyuma.

Irinde guhora umwinginga ahubwo ubikore gake gake kandi bigaragare nk’ibintu utatekerejeho cane, ariko kandi ntibibure, bityo bizatuma yumva ko uri ingenzi kuko ukunda kumubwira ibimwubaka.

Nubasha gukora ibi bintu mu gihe runaka bitewe nuko uwo ubikorera ateye, nta kabuza uzamwegukana kandi ngo ugomba no kongeraho kugaragaza yuko ufise agaciro ndetse wiyubaha.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments