UBM News ads

Abakora isuku mu gisagara ca Bujumbura batabishoboye bategerezwa kwirukanwa-Emmanuel Sinzohagera

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’inama nkenguzamateka Emmanuel Sinzohagera asaba umukuru w’igisagara ca Bujumbura kwirukana abakozi bose bakora muvyo isuku batabishoboye maze akarondera bafise ibikoresho bigezweho kandi babishoboye.ibi yabishikirije kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 17 myandagaro 2024 muri zone ya kamenge.


Kuri uyu wa 17 myandagaro 2024 umukuru w’inama nkenguzamateka y’uburundi Emmanuel Sinzohagera ari kumwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Jimmy Hatungimana bakoreye ibikorwa rusangi muri zone kamenge karitiye mirango2 aho bose bagarutse kukibazo c’isuku mu gisagara ca Bujumbura.

Emmanuel Sinzohagera arongoye inama nkenguzamateka yahamagariye abarunssi bose gukingira ibidukikije kuko biri mubigize ubuzima bw’abanyagihugu.

Uwo arongoye inama nkenguzamateka yasavye umukuru w’igisagara ca Bujumbura ko yoshiraho abakozi bakora isuku babishoboye bafise n’ibikoresho bigezweho maze abatabishoboye nabo bakabogozwa.Emmanuel Sinzohagera yatanze akarorero aho bamwe mubakora isiku mu gisagara ca Bujumbura usanga bakoresha ibimodoka bishaje bigenda birasanzaza imicafu mw’ibarabara.

Nayo kukijanye n’ikiza c’indwara y’akaranda k’inkende,Emmanuel Sinzohagera asaba abanyagisagara eka mbere n’abarundi bose kwubahiriza amabwiriza y’isuku hamwe n’impanuro bahabwa n’abajejwe amagara y’abantu hamwe n’abajejwe intwaro.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments