Umuvugizi w’ingabo z’urwanda Brig Gen Ronald Rwivanga amenyesha ko abanyarwanda bose bavyipfuza bagiye kwinjizwa mu muhari w’inkeragutabara bahabwe imyimenyerezo ya gisirikare hama basubire mu mirimo yabo ariko bitabazwe mu gihe bibaye ngombwa mu gisirikare c’urwanda.Abashaka kuba inkeragutabara bari hagati y’imyaka 18-25 hamwe n’imyaka 28 kubafise ubumenyi biharije.Ibi akaba yabitanganje ku musi w’ejo mu gihe yariko arishura ibibazo vy’abamenyeshamakuru.

Umuvugizi w’ingabo z’urwanda Brig Gen Ronald Rwigara yatangaje ku musi w’ejo ko urwaruka rwipfuza kwijira mu murwi w’inkeragutabara ruri hagati y’imyaka 18-25 rugiye guhabwa imyimenyerezo ya gisirikare hama basubire mumirimo yabo ariko bakaba bazokwitabazwa mu gihe bibaye ngombwa mu gisirikare c’urwanda.
Abo bagiye kwinjira mu muhari w’inkeragutabara bazohembwa umushahara wa buri kwezi bahabwe n’ibindi vyose bagenerwa mu gihe bari mu myimenyerezo no mu gihe bahamagawe mugisirikare c’urwanda.
Ikindi nuko abazoja mu muhari w’inkeragutabara bazokomeza gukora akazi bazi basanganywe kubagafise,bazokomeza kugakora no kugahemberwa igihe cose batarahamagarwa mu bikorwa vya gisirikare.umuntu akazokwitwa inkeragutabara mu gihe arangije igice ca mbere c’imyimenyerezo ya gisirikare kandi akaba yarose amanota meza.
Inyuma yo guhabwa inyigisho,ababaye inkeragutabara bazohabwa impapuro z’umutsindo hama batereko umukono ku masezerano yo gukora akazi baherewe inyigisho.
Nkuko vyashikirijwe na colonel Sendegeya Lambert ajejwe abakozi mubushikiranganji bwo kwivuna abansi,inkeragutabara isanzwe ifise akazi mugihe yahamagawe kuza mu kazi ka gisirikare izoba ifise uburenganzira bwo kutirukanwa mu kazi yari isanzwe ifise hamwe ko kuronka uturusho ku mushahara yari asanzwe ahembwa.
Abagiye kwinjira mu muhari w’inkeragutabara bazoba bafise imyaka iri hagati 18-25 hakiyongerako abafise abafise ubumenyi bwiharije abo bashobora gushika ku myaka 28





Recent Comments