Murunani CFOR Arusha rurongowe na Fréderic Bamvuginyumvira bavuga ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu Angelina ndayishimiye ata burenganzira afise bwo kujana ubutumwa bwa Prezida kandi Atari mu rwego nshingantwaro rwa Leta.N’inyuma yaho Angelina Ndayishimiye ashikirije ubutumwa bwa Evariste Ndayishimiye bugenewe umukuru w’igihugu ca Guinée équatoriale Teodoro Obiang Nguema Mbasogo kuwa mbere igenekerezo rya 19 myandagaro 2024.

Kuri uwu wa mbere umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Angelina Ndayishimiye yaratanze ubutumwa ku rubuga rwiwe rwa x(twitter) aho yagira ati:«natewe iteka ryo guhabwa umubonano kuri uyu wa 19 myandagaro 2024 na Prezida wa Guinée équatoriale Teodoro Obiang Nguema Mbasogo twagiranye ibiganiro bikomeyebijanye no gutsimbataza bijanye no gutsimbataza ubucuti hagati y’ibihugu vyacu,twonera turabira hamwe ibisata bishasha vyo gufashanyamwo.N’iteka n’umunezero mwinshi wo gushikiriza ubutumwa bwa Evariste Ndayishimiye kurimugenzi we Prezida Teodoro Obiang Nguema Mbasogo».
Murunani CFOR Arusha rurongowe na Frederic Bamvuginyumvira,avuga ko umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Angelina Ndayishimiye ata burenganzira bwo kujana ubutumwa bwa Prezida kandi Atari mu rwego nshingantwaro rwa Leta.
Frederic Bamvuginyumvira akavuga ko umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye akwiye gutandukanya ibikorwa vyega umuryango wiwe n’ivyega igihugu.
Kubwa Frederic Bamvuginyumvira asaba umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ko akwiye guhindura ibintu hakiri kare akareka gufata umutambukanyi wiwe nk’umwe mubagize leta ko bishobora kuzomuteza ikibazo.





Recent Comments