UBM News ads

Uko irahira rya prezida wa Uganda ryagenze n’abategetsi bitavye ivyo birori.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads
Kur’uyu wa 12/05/2021 Kuri Kololo Indépendence Grounds Imbere y’isinzi ry’abanyagihugu n’abatumire Bose barenga 4000 niho Umukuru w’igihugu ca UGANDA yarahiye.
Umukuru w’igihugu ca UGANDA Yoweli KAGUTA MUSEVENI yarahiye kuzubahiriza amategeko yose y’igihugu nkuko bitegekanwa n’ibwirizwanshingiro rya Uganda kandiko azoharanira iterambere ry’abanyagihugu hamwe nokubandanya ahagarariye ubwigenge bw’igihugu.
 MUSEVENI yatsinze amatora yabaye igenekerezo rya 14 Nzero 2021 ayatsinda Ku majwi 58 atsinze uwo vyahiganwa Bobi Wine yari kw’isonga mubatavuga rumwe n’ubutegetsi yaronse amajwi 34 yagerageje kwanka ivyavuye mu matora birangira avyemeye.
Abakuru b’igihugu bitabiriye ivyo birori ni
1) Général Major Evariste NDAYISHIMIYE w’u Burundi
2) Mohammed Abdallah wa Somalie
3) Emmerson Mnangangwa wa Zimbabwe
4) Salva Kiir wa Sudan du Sud
5) Hage Gottfried Geingob wa Namibia
6) Alpha Condé wa Guinea
7) Sahle-Work Zewde waEthiopie
8) Félix Tshisekedi wa RDC
9) Nana Addo Dankwa Akufo-Addo wa Ghana
10) Samia Suluhu Hassan wa Tanzania
11) Uhuru Kenyatta Kenya
Urugo rwa Bobi Wine  gwo hamwe n’urwa Kizza Besigye batavuga rumwe n’ubutegetsi ziriwe zicunzwe kuva mubu cagucagu n’igisikare kugirango badateza akajagari.
Iyi ntsinzi ya MUSEVENI izomushitsa ku kumara imyaka 40 Ku butegetsi.
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments