Ikosa abakobwa benshi bakora rikabatera kwicuza cane ni ukwemera kuryamana n’umusore bataramenya neza uwariwe.
Kuba umusore naka yakwipfuza ko muryamana, ivyo bitandukanye ko yoba agukunda canke atagukunda, bityo rero gupimira cangwa kwemera kuryamana nawe bisabwa ko ubanza kwitonda.
Burya rero, Mukobwa….Waruziko incuro nyinshi , iyo wishoye mu mibonano mpuzabitsina , akenshi aba ari wewe uri mu gice c’uri buhombe? ese urabona umusore atwara inda? ese urabona umusore wirirwa mu butegetsi arega umukobwa uri kumwihakana (Bibaho ariko gake cane).
Uzatwara inda, imipango yawe y’ubuzima ihinduke. Amashuri yawe uzoyaheba ndetse uvyare n’umwana umurere ariko ntibizakubuza kubabazwa no kumurera utabana nase.
Mu kuraba umukobwa, abasore akenshi ntibita kuraba nimba umukobwa azogira imbere heza canke akazoza keza ahubwo bita cane kubuzima bwiwe yabayemwo.
Nimba uri umukobwa ushaka kugira agaciro mu maso y’abasore, kuko abasore bubu bakunda umukobwa yiyubaha kandi yiha agaciro.
Recent Comments