UBM News ads
Sunday, December 10, 2023
No menu items!
UBM News ads

Menya vyinshi bijanye naba bantu bamara amezi atandatu bari gusa kandi banywa amaraso

Muri Ethiopia hasanzwe hari ubwoko bw’abanyagahigu bitwa Bodi bakunda umugabo uvyibushe cane ku buryo bamwe murabo bagabo bamara amezi atandatu banywa amata avanze n’amaraso.

Ibi ngo bibafasha kuba banini kandi umugabo agiriwe ubuntu agatorwa muribo ko ari we munini ngo abakobwa benshi baramukukunda bimwe vyakataraboneka kandi ngo ahora abihererwa icubahiro iteka ryose.

Inkuru yatangajwe n’ikinyamakuru The Daily Mail co mu Bwongereza yagaragaje ko muri ubwo bwoko bw’Aba bodi ngo bakunda cane umugabo uvyibushe, bakaba banabikorera irushanwa ariko bisaba ubwihangane budasanzwe ngo umusore afungure ibidasanzwe kugeza yegukanye intsinzi yo kuba umusore uvyibushe.

Abasore bose bashaka kurushanwa ngo bamara amezi atandatu bafungiranye, barya vyinshi kandi bakanywa amata n’amaraso bakazosohoka ku munsi bita Ka’el batanguriraho umwaka mushasha, bakarushanwa uwemejwe nk’uwatsinze akaba abaye igihangange c’ubuzima bwose kandi ngo abakobwa bose baba bunva ariwo mugabo abakwiye.

Uko iri rushanwa rigenda rero, ngo buri muryango uhitamwo umusore babona bizeye ko bazogaburira akavamwo umugabo nyawe uvyibushe cane.

Iyo bamaze kumwemeza ngo bamushira mu nzu ya wenyene adasohokamwo, aho abagore bamusanga bamugemuriye ivyo kurya vyinshi birimwo cane cane amata n’amaraso y’inka. Ibi ngo babibakorera kuko bumva yuko ari vyo bivyibusha cane. Aba kandi ngo bagomba kuba ari abasore batarubaka urugo.

Nyuma y’amezi atandantu ngo haba ico bakora gikomeye, buri muryango uzana umusore wabo, ivyo navyo bikaba bibera ahantu haba hari igiti cahawe umugisha, nuko abasore baba barikwijeho umuvyibuho bagaca barindira igihe c’abakuru bo muri ubwo bwoko ko baza gutora no kwemeza uwuvyibushe, ubwo rero uwurusha abandi agahabwa ikamba kandi akemezwa mu bwoko hose ko abaye igihangange gikomeye kizokwama cibukwa ubuzima bwose mugihugu.

Uwutowe kandi ngo usanga ariwe abakobwa batararongorwa birukira cane, buri wese muri bo yumva amurongoye yoba agize umugisha wo kurongorwa n’umugabo w’intwari kandi wubashwe n’abantu benshi .

Aya n’amaraso bariko baranywa hamwe n’amata kugirango bavyibuhe babe banini.

Ivyo rero vyose birangiye, abagabo bawitabiriye basubira mu buzima bwabo busanzwe, hakaba ubwo ngo bongera kugenda bonda baba batobato buhoro buhoro, bakazosubira ku muvyibuho usanzwe.

Iki gikorwa ca Ka’el ngo mu gihe gito irongera igatangura, abandi bashaka kurushanwa bagatangura imyiteguro y’amezi atandatu ngo bazotorwemwo uyundi mugabo uvyibushe ku munsi wa Ka’el uzokurikira.

Reba amafo yose hano musi muko biba bimeze !

Aya ni amata baba bagiye kunywa

Ese ino nkuru yaba bagabo bamara amezi atandatu barigusa kandi banywa amaraso uyivugakwiki ?

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments