Uwiyitirira kuba umukuru w’umugambwe FNL (Front National de Libération), Rwasa Agathon amenyesha ko inama zitegurirwa abanyamigambwe zidashobora kugira akamaro iyo abaziteguye ata shaka bafise ryo gushira mu ngiro ivyavuyemwo, kuko rimwe na rimwe bimaze kuboneka ko abategura izo nama kenshi baba bafise udutima tubiri.
Inama yateguriwe abanyamigambwe yabaye ku munsi ugira kabiri. Rwasa Agathon, umwe mubayitumiwemwo nk’umunyeporitike kandi nk’uwigeze kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu mu mwaka w’2010 amenyesha ko gukora poritike n’udutima tubiri arivyo vyazingamitse igihugu. Kubwiwe, inama zirategurwa, ariko ugasanga ni ibintu vyo guhuma amaso abarundi n’amakungu. Ivyo abivuga abikuye ku kuntu iyo hageze gutera intambwe mw’ishirwa mu ngiro ry’ibiba vyapfunditswe haca haba ikibazo, akabona ko uwo aba ari umwanya watakaye kuko ata kamaro ko kuja kuvugana ibintu biryohera amatwi gusa ariko bidashobora gukurikizwa.
Rwasa Agathon, nk’abandi banyeporitike bose mu Burundi bamaze kugira ico bashikirije aremera ko guhindura ibwirizwa shingiro kugira ryisunge umwanya poritike y’igihugu igezeko ari ibintu bisanzwe, ariko ko atari ibikorwa vy’akarwi ka bamwe koshaka kwikika mu kiza kugira kironderere inyungu. Kubwa Rwasa Agathon, ubutegetsi ntiburiko burubahiriza ivyo bumvikanye mu nama yabahuje mu Kayanza, aho bapfundika ko umukuru w’igihugu azoshikiriza ingingo zohinyanyurwa. “Bavuga y’uko twomenyeshwa ingingo zikwiye guhindurwa kugira abantu baterere. Aho ni ku ngingo nkeyi. Mugabo urumva ko iryitwa ko ririko riraza si uguhindura ingingo kanaka, ni ryose ryahinduwe. Mbere bavuga y’uko mu ngingo yaryo ya nyuma bavuga ko iryo bwirizwa shingiro rikomboye iryahahora. Rigaca rivuga ko iryahahora ryari imfatakibanza. Ivyo bisigura ko n’ubu tukiri mu ntwaro mfatakibanza, bisigura kandi y’uko iri bwirizwa shingiro bariko baratuzanira, ni vya bintu nyene usanga ari ukudendekeranya kugira berekane ko ari ngombwa ko Nkurunziza asubira kwitoza ubugira kangahe, ivyo murumva rero ko binyuranye na bimwe abantu bumvikana i Arusha ko atawurenza ibiringo bibiri.”
Rwasa Agathon aranegura ingene ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwivanga mu bibazo vy’umugambwe FNL. Ntatahura kubona bamubwira ko atakiri umu FNL, ahubwo ko yoshinga uwundi mugambwe. Kubwiwe, namba baracanyemwo, abanamarimwe baramaze kwemera kuganira bagaheza ibibazo bafitaniye. Asaba ko bobareka bakitunganiriza ikoraniro kaminuza, kuko ariho bashobora guhereza ibibazo bafise, bakongera bakitorera indongozi abanamarimwe ba FNL bonyene bishakira. Bitagenze uko, nk’uko yabandanije abimenyesha, bizoca bibonekana nk’uko ubwo bushikiranganji bwoba bushigikiye ko mu migambwe hama indyane, ivyo navyo bikaba bidatanga iteka ku gihugu. Rwasa Agathon, avuga ko akirongoye FNL arangiza amenyesha ko nivyabandanya uko biri ashobora kuzokwitoza ku gatwe kiwe mu matora y’umukuru w’igihugu.
Sources : Igihe Burundi
Recent Comments