UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ibanki y’isi yatangaje ko itagisubiye guha ingurane Uganda kubera itegeko rihana abahuza ibitsina babisangiye ico gihugu cemeje.

UBM News ads

Ibanki y’isi yahagaritse ingurane yahora itanga mu bisata bitandukanye vyo mu gihugu ca Uganda, isigura ko iyo ngingo yafashwe bitewe n’uko kampala ikomeza kubandanya ihonyanga ubuzima bwa kiremwa muntu biciye mu kwemeza itegeko rihana abasangiye ibitsina babisangiye riheruka gutorwa.

Mw’itangazo ryayo yaraye ishize ahabona, Ibanki y’isi ivuga ko iyo ngurane igiye gukomeza kuyihagarika kugeza igihe ubutegetsi bwa Uganda buzoshiraho poritike zitandukanye zihagarika gukumira inkewa harimwo abo baryamana basangiye ibitsina.

Ibanki y’isi yose ikaba yavuze ko naho yafashe iyo ngingo yo guhagarika guha ingurane yahora iha Uganda, itazodohoka ku bijanye no gufasha abanyagihugu bayo kuva mu bukene, kuronka ivya nkenerwa no gukora ibishobotse vyose mu nzira yo gusununura ubuzima bwabo.

Tubamenyeshe ko Leta ya Uganda yadadaje kutasokora kw’iryo tegeko rihana abahuza ibitsina basangiye yemeje , ibiriko bituma inzego zitanga imfashanyo nk’ibanki y’isi yose n’izindi nzego mpuzamakungu zigabisha ko zishobora guhagarika gutanga imfashanyo kubera iryo tegeko rikabije.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments