UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abakeneye isukare mu gisagara ca Bujumbura bariyongereye cane-Jimmy Hatungimana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Jimmy Hatungimana avuga ko ikena ry’isukare mu gisagara ca Bujumbura riterwa ahanini nuko ababa mu gisagara Bujumbura biyongereye cane ugereranije n’isukare ishirahamwe SOSUMO risanzwe ritanga mu gisagara ca Bujumubura.kubwiwe avuga ko rusansuma yo mu mwaka wa 2008 yerekana ko abanyagisagara bangana na 1.200.000 mugihe SOSUMO isanzwe itanga imifuko 560 y’isukare buri kwezi guhera mu nzero uyu mwaka wa 2024.ibi yabivugiye mu kiganiro yaremesheje kuri uyu wa Gatatu igenekerezo rya 3 nzero 2024 cerekeye ikena ry’isukare mu gisagara ca Bujumbura.


Jimmy Hatungimana yamenyesheje ko ufatiye kuri rusansuma yo mu mwaka wa 2008 yerekana ko abanyagisagara ca Bujumbura bangana 1.200.000 mugihe SOSUMO isanzwe itanga imifuko 560 y’isukare buri kwezi guhera muri nzero uyu mwaka.kubwivyo bituma abakenera isukare mu gisagara baba benshi kandi SOSUMO itanga isukare nke.

Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bukaba bwashizeho umurwi ujejwe gutanga isukare hamwe na comite ijejwe gukwirikirana iryo tangwa ry’isukare muma comine yose agize igisagara ca Bujumbura hamwe no gushika mu muma karitiye kugira bamenye ivyo abenegihugu bakeneye.kuruhande rwa SOSUMO ikaba yarashizeho urutonde rw’abafise uburenganzira bwo gutanga isukare mu gisagara ca Bujumbura.

Haraciye igihe kinini hibonekeza ubukene bw’isukare ihingurwa n’ishirahamwe SOSUMO mu gisagara ca Bujumbura eka mbere no mu gihugu hagati ibiheza bigatuma abenegihugu bari babayeho bakoresha isukare bagira ibibazo bikomeye.iyo ibonetse naho henshi usanga itangwa nabi harabwe ka mwana wamama.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments