UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abansi b’uburundi n’iterambere bari kwiba intsinga za Regideso na OBUHA bagiye guhanwa bikomeye-Léonard Manirakiza

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikirizamanza kizigenza wa repubilika y’uburundi Léonard Manirakiza aragabisha abansi b’uburundi n’iterambere bari gukora ubusuma ku nyubakwa rusangi z’amashirahamwe ya Leta REGIDESO hamwe n’ikigo OBUHA mu gusambura ibitarurwa bakiba ivyubatse,bakiba intsinga zubatse amabuye ashigikiye inkombe z’inzuzi,kwiba intsinga zitwara umuyagankuba mwishi hamwe n’izitwara umuyagankuba muke ko abazofatwa bazohanwa bimwe vy’akarorero.Akaba asaba abarundi bose guhagurukira rimwe mu kudomako urutoke abo bansi b’igihugu.ibi biri mw’itangazo Umushikirizamanza kizigenza wa repubilika y’uburundi ryo kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 ndamukiza 2024.


Mur’iryo tangazo Léonard Manirakiza agira ati:«Muri iyi misi hagize imisi hibonekeza ubugizi bwa nabi ku nyubakwa rusangi z’amashirahamwe ya Leta REGIDESO hamwe n’ikigo OBUHA mu gusambura ibitarurwa bakiba ivyubatse,bakiba intsinga zubatse amabuye ashigikiye inkombe z’inzuzi,kwiba intsinga zitwara umuyagankuba mwishi hamwe n’izitwara umuyagankuba muke.mu matohoza yakozwe igenekerezo rya 9 ntwarante uyu mwaka inzego z’ubutungane zarafatiye ivyo bikoresho mw’ihinguriro iron steel hamwe n’ibigaragaza ko imodoka za Leta zishaje zagurishijwe ata mategeko yisunzwe muri iryo hinguriro bakazikuramwo ivyuma.hakaba harafashwe abakozi ba Iron steel mu ntumbero yo kumenya uko ubwo bubisha bukorwa.ivyose bigasubiza inyuma ya mbonokazoza ya 2040-2060.abarundi basabwe kudomako urutoki uwo wse ari gusambura itunga rusangi.Tukaba tugabishishije uwo wese ari kononera amatungo y’igihugu ko bagiye guhanwa hisunzwe amategeko.»

Leta y’uburundi kwiye guhangana n’inzitizi zose zotuma itagera kuri ya Mbona kazoza ya 2040-2060 mu kurwanya abo bose bari kwonona ubutunzi bw’igihugu nkuko vyagiye bishikirizwa n’umukuru w’igihugu kunyonora amatungo ya Leta no kurya ibiturire nivyo bizingamitse uburundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments