Umushikiranganji w-iterambere rusangi yafuse mukazi kuruwu wa gatanu abajejwe ubutunzi bw-amakomine abo bita aba ˮcomptables‟ abagiriza ko batumye itozwa ry-amatagisi ya komine rigenda nabi bafadikanije n-abari bajejwe kwegeranya ayo matagisi nabo nyene baheruka gukurwa mu kazi.
Iyo ngingo y-uwo mushikiranganji yafaswe kubera ko vyabonetse ko amahera agera k-umu miliyaridi w-amarundi n-imiliyoni zirenga amajana indwi ariyo matagisi atahora yinjira mu bigega vya komine zigize uburundi.
Umushikiranganji Gervais Ndirakobuca yabivuze inyuma y-inama yagiriraniye n-inzego zegukira ubwo bushikiranganji arongoye k-umurwa mukuru w-intara ya Kayanza.