Ubu amanota yo mw’ishure ntibazosubira kuyateranya kuri diplôme d’Etat yemeza ko umuntu yahejeje secondaire (bahora bafata 70% ku yavuye muri Exetat, na 30% mu yaronswe mw’ishuri), bazokoresha ayo umunyeshuri yaronse muri Exetat gusa
Umunyeshure yayobewe Exetat, azoshobora kuyisubiramwo incuro yipfuza kugira ayitsinde (azobanza kuriha mugabo, kandi uko azokwisubiranya niko amahera azoduga…)
Hari abarezi, abanyeshure, abavyeyi, batakiriye neza izo ngingo z’Inama Nshikiranganji kuko ukutaboneka kw’umwimbu ushimishije akenshi biva kubugaba bw’abarezi bamwe bamwe batakora uko vyategerezwa, ahandi bikava kubukene bwa’abigisha eka mbere ahandi bikava kuri Leta kuko hari naho usanga amashure ataronkejwe vyangombwa vyose bikenewe mugutanga ubumenyi bukwiye.
Twibuke ko mu Burundi akenshi umunyeshure aronka impamyabushobozi ariko yataha muhira ugasanga bimwe yakurikirana mw’ishure ntanakimwe womubaza.
Akarorero umunyeshure ugasanga yarahejeje amashure mugisata ca Informatique ariko ugasanga ntazi n’uko batsa imashini Ordinateur. Ubwo vyoba biva kubanyeshure canke biva kubarezi?
Recent Comments