Mu gihe amazi ya Rusizi yateye igice kinini ca Gatumba na Kajaga kuva ku munsi wa kane uheze, gushika kuri uyu w’Imana, nta gahengwe na gato ababayo bararonka. Amazu ntasiba kubomagurika ayandi akanyika, ibintu vyaratwawe, abantu na bo barata baromoka. Méthode Nkunzimana, w’imyaka 47,yashoboye kuganira n’abanyamakuru yavuze ati:
«Jewe ku munsi wa gatatu nari nasimbiye mu gisagara hagati, hari utwo nari nagiye gupagasa yo, mu kiringo c’imisi 3. Ngize ngo ndagaruka kuruyu wa gatandatu, nasanze umugore n’abana 4 barataye baromoka, ibintu vyose vyaratwawe, ahari inzu hadengereye amazi. Gushika ino saha, numva ngo umuryango wanje ugeze mu Maramvya, aho boba baregeranirijwe hamwe. Sinzi ukuntu na kumwe boba babayeho, na cane cane abana»
Maragarita Ndikuriyo, aho yariko aregeranya utwo yasigaranye, nawe agira ati. «Ejo ku wa gatandatu abagira neza baraje baratwara abantu mugabo imiduga yabaye mike. Babajanye mu Maramvya, twiteze ko natwe twasigaye baza kudutora batujane yo. Mugabo amatwi ansumira, ngo inzara iriyo irindwa umubi »
Recent Comments