Republika iharanira Demokarasi ya Congo yahawe Uburenganzira bwo kwinjira muri EAC.

0

Republika iharanira intwaro ya rusangi  ya Congo yaraye ihawe uburenganzira bwo kwinjira mu muryango w-ibihugu vya Afrika y-ubuseruko EAC. Ni inyuma y-Inama igira 44 y-abashikiranganji bo mw-uwo muryango irongowe n-umunyamabanga w-umunye Kenya  Adan Mohamed ,ajejwe ivyo kwinjira  n-iterambere mw-uwo muryango yarakoranye kuri uyu 21 Munyonyo 2021 i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya.East Africa: Tshisekedi Yearns for DRC to Join EAC - allAfrica.com

ˮInama igira 21 y-abakuru b-ibihugu bagize EAC yabaye kuwa 27 Ruhuhuma 2021 yarategetse inama y-abashikiranganji  bo mw-uwo muryango kwihutira Kusuzuma ibisabwa n-ama Leta canke ibihugu vyipfuza kwinjira muri EAC‟ Nikwo tubisanga mw-itangazo ry-iyo nama nshikiranganji iheruka gukoranira i Arusha.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru The East African gikorera mu gihugu ca Kenya, Umurwi ujejwe gusuzuma ibisabwa kugira igihugu cinjire mw-uwo muryango waheruka ku magenekerezo ya 26 Ruheshi gushika kuwa 5 Mukakaro 2021 i Kinshansa ku murwa mukuru wa RDC gushika kwirabira ko ico gihugu coba canke kidakwije ibisabwa n-umuryango wa EAC mu bijanye no kwinjira mw-uwo muryango usanzwe ugizwe ubu n-ibihugu bitandatu.

Icegeranyo c-iyo nama nshikiranganji kiratomora  neza ibituma ico gihugu ca Congo cokwemererwa kikinjira mw-uwo muryango kubera ko gihana imbibe n-ibihugu  bitanu bisanzwe biri mw-uwo muryango. Ivyo navyo ni : Rwanda, Tanzaniya, Burundi, Uganda hamwe na Sudani yo mu bumanuko.

Ingingo yo kwemeza ku mugaragaro Republika iharanira intwaro rusangi nk-igihugu kibaye  ic-indwi kigize EAC,  igiye kuzofatwa n-inama y-abakuru b-ibihugu bigize uwo muryango yimirije gukorana vuba.