Abashingamateka b’Ubumwe Bwa Buraya basaba ingingo ziboneka kugira gufashanya n’Uburundi kugaruke

0

Kur’uyu wa kabiri, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Amb. Albert Shingiro, m’umubonano yahaye Claude BOCHU aserukira ishirahamwe ry’uwo muryango mu Burundi, yasavye ko ibikorwa batanguye vy’ibiganiro vyonyaruka kugire bashike ku vyo bemeranije mu mwanya muto.

Ariko abaserukira amasirahamwe adaharanira inyungu za poritike, abaharanira agateka kazinamuntu, abanyeporitike n’abandi baragerageje gutera akamo berekana amabi abandanya akore. Barerekana ko mu Burundi atamutekano uhari, atakwishira no kwizana guhari haba mu bisata vyose.

Mw’ikete Abashingamateka b’uwo muryango w’ubumwe bwa buraya, baciye basohora kur’uyu wa gatanu, baragerageje gusesangura mu vyegeranyo vyose bitangwa ku Burundi, bagakurikirana hirya no hino mu nzandiko zitangwa nayi mashirahamwe aharanira agateka kazinamuntu, abamenyeshamakura n’abanyeporitike, basanga impamvu yatumye umubano hagati y’ igihugu c’u Burundi n’umuryango w’ubumwe bwa Buruaya utituka, u Burundi bugafatirwa ibihano, igihari no kuri iyi ntwaro ya Ndayishimiye. Ivyo bakaba babishikirije mu rwandiko bandikiye Joseph Borrel.

Muri urwo rwandiko, abo bashingamateka bakaba bamwibukije ko ivyo bihano vyafatiwe u Burundi kuko hari amabi menshi yariko akorerwa abantu akozwe na bamwe mubajejwe umutekano n’intware hamwe n’urwaruka rw’imbonerakure. Bakavuga ko iyo ngendo ya CNDD FDD yari yafashwe kandi nko kutubahiriza ingingo z’intwarorusangi, itwaro ibereye kandi y’ukuri, be no kwubahiriza agateka kazinamuntu ku banyagihugu bose.

Nk’uko babishikiriza muri urwo rwandiko, ibikorwa vyo guhohotera abatavugarumwe nayo, kugandagura bunyamaswa, gufunga inzirakarengane, amabi akorerwa umukenyezi, guhohotera uwushikirije iciyumviro, n’ibindi n’ibindi, biracahari kandi ntibiteze kuyivako. Nayo igikomeye cane n’urwanko babiba muri bene Burundi biturutse ku majambo y’amacakubiri y’amoko, ibitutsi birirwa batuka abatavugarumwe na Reta, amajambo mabi usanga akoreshwa cane n’umukuru w’igihugu, umushikiranganji wambere, umunyamabanga mukuru w’umugambwe.

Abo bashingamateka bakavuga ko ivyo biganiro vyoba vyiza mu gihe mu Burundi bokwerekana ko bemeye gusubiza hamwe, kandi abavugwa ko bagize uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka 2015 aribo : Nininahazwe Pacific, Nshimirimana Vital, Nduwimana Patrick, Barankitse Marguerite, Rugurika Bob, Niyonkuru Gilbert, Dieudonné Bashirahishize, Niyongere Armel, Mitabaro Patrick, Niyuhire Anne, Havyarimana Arcade na Muhozi Innocent imitahe yabo yo guhagarikwa igateshwa agaciro. Nayo abafungiwe ibibazo vya poritike yaba abaharanira agateka kazinamuntu, abamenyeshamakuru nka Germain Rukuki na Nestor Nibitanga. Bagasaba kandi ko n’ibimenyeshamakuru vyahagaritswe bimwe bibanje guturirwa nka RPA, Renaissance, Bonesha Fm vyokwongera gusamirana ku butaka bw’u Burundi.

Abo bashingamateka basavye Joseph Borrel ko imbere y’uko babandanya kuganira n’abaserukira Reta y’u Burundi ko ibigize amasezerano ya Cotonou, cane cane ingingo ya 96 vyobanza bikubahirizwa, ahanini agateka ka zinamuntu kakubahirizwa, nayo ivyo biganiro bikazobandanya.