Mu nama y-ibihe bidasanzwe yabaye kuri uyu wa gatanu i Bruxelles mu bubirigi , Abakuru mu muryango w-ubumwe bwa buraya batangaje ibihano bavuga ko bikaze bafatiye igihugu c-uburusiya bitewe n-uko bwateye igihugu ca Ukraine.
Ivyo bihano vy-umuryango w-ubumwe bwa buraya , bikazogira ingaruka mbi ku burusiya mu rwego rw-ubutunzi , gutwara abantu n-ibintu, kurungika ibidandazwa mu mahanga no mu bijanye n-impusha zo kuja mu gihugu ka naka zizwi nka «Visa».
Umukuru wa komisiyo y-umuryango w-ubumwe bwa buraya , Ursula Von der Leyen, yavuze ati:« Ibihano bijanye n-ubutunzi bizotuma uburusiya butabasha kugera ku masoko menshi akomeye. Ariko ibi bihano birerekeye amasosiyete ya Leta harimwo n-ibijanye n-igisirikare. Ivyo bihano kandi bizotuma ibiciro bikoroka buhorobuhoro bikagera no ku masosiyete akomeye y-uburusiya»
Tubamenyeshe ko ivyo bihano bibaye ivya kabiri ku burusiya mu gihe kitarenze c-indwi imwe. Ibiheruka vyaheruka gufatwa na Leta Zunze ubumwe za Amerika hamwe n-ibindi bihugu vy-ibihangange vyo mu burengerazuba bw-isi.
Recent Comments