UBM News ads
Tuesday, October 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Uburusiya bwafatiwe ibihano bikaze n-umuryango w-ubumwe bwa buraya kubera gutera Ukraine.

UBM News ads

Mu nama y-ibihe bidasanzwe yabaye kuri uyu wa gatanu i Bruxelles mu bubirigi , Abakuru mu muryango w-ubumwe bwa buraya  batangaje ibihano bavuga ko bikaze bafatiye igihugu c-uburusiya bitewe n-uko bwateye igihugu ca Ukraine.European Commission President Ursula von der Leyen leaves at the end of an EU summit on Ukraine in Brussels, Feb. 25, 2022.

Ivyo bihano vy-umuryango w-ubumwe bwa buraya , bikazogira ingaruka mbi  ku burusiya mu rwego rw-ubutunzi , gutwara abantu n-ibintu, kurungika ibidandazwa  mu mahanga no mu bijanye n-impusha zo kuja  mu gihugu ka naka zizwi nka «Visa».

Umukuru wa komisiyo y-umuryango w-ubumwe bwa buraya , Ursula Von der Leyen, yavuze ati:« Ibihano bijanye n-ubutunzi bizotuma uburusiya  butabasha kugera ku masoko menshi akomeye. Ariko ibi bihano birerekeye amasosiyete  ya Leta  harimwo n-ibijanye  n-igisirikare. Ivyo bihano kandi bizotuma ibiciro bikoroka  buhorobuhoro  bikagera  no ku masosiyete akomeye y-uburusiya»

Tubamenyeshe ko ivyo bihano bibaye ivya kabiri ku burusiya  mu gihe kitarenze c-indwi imwe. Ibiheruka vyaheruka gufatwa na Leta Zunze ubumwe za Amerika hamwe n-ibindi bihugu vy-ibihangange  vyo mu burengerazuba bw-isi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments