UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ligue iteka ivuga ko urubanza rwa Floriane Irangabiye ari urubanza rwa politike.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka rikorera hanze y’igihugu kubera ryahagaritswe mu Burundi ririyamiriza ingingo yaraye ifashwe na sentare ntahinyuzwa yo kugumiza mu munyororo umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye.mur’iryo shirahamwe bavuga ko urwo rubanza bigaragara ko ari urubanza rwa politike bagasaba Leta y’uburundi ko uwo mumenyeshamakuru yorekurwa ata kirinze gusabwa kuko ariko azira ubusa.


Uwurongoye iryo shirahamwe Anschaire Nikoyagize arasaba kandi abasanzwe bafasha uburundi kugumiza ijisho kuri Leta kuvyerekeye ico kibazo.
kubw’inkuru dukesha iradiyo inzamba agateka kawe,Anchaire Nikoyagize avuga ati:«Ntagitanganje kubona gasmburamanza yemera urubanza Irangabiye Floriene yaciriwe kuko kuva ahagarikwa vyaribonekeje ko ari urubanza rwa politike.urubanza rwa politike rero si muri gasamburamanza barucira abamuhagaritse nibo bazomurekura.muri Ligue iteka tukababazwa nuko abaharanira agateka ka zina muntu bama bariko barafatwa bagapfungwa n’ubutegetsi bwa Gitega.dusaba ko Leeta y’uburundi yo kwikubita agashi ikarekura uwo mumenyeshamakuru».

Leta irakwiye kuraba ko urwo rubanza rwaciwe hisunzwe amategeko kugira igihugu c’uburundi kibe igihugu kirangwa n’amategeko kuko hari abashaka gucapfuza ishusho y’igihugu kubw’ igihagararo n’igitinyiro bafise muri Leta bagatuma ubucamanza butigenga.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments