Nestor irankunda ni umurundi yavukiye muri Tanzaniya aho abavyeyi biwe bari bahungiye inyuma yiyicwa ry’umukuru w’igihugu Ndadaye Melchior hagaca haduka intambara mu gihugu cose.

Inyuma yaho abavyeyi biwe baje kuronka amahirwe yokuja kuba mu gihugu ca Australia aho uwo mwana atigeze aronka amahirwe yokuja kwiga ivy’umupira w’amaguru mu mashule akomeye. Ariko yavukanye impano idasanzwe yo gukina umupira w’amaguru. Uyu munsi ariko arakinira igihugu cabakiriye nk’impunzi ca Australia.
Mu gikombe c’isi kiriko kibera mu gihugu ca Leta zunze ubumwe z’Amerika,uwo mu rundi akaba yararonse ubwenegihugu bwa Australia,yaraye yitwaye neza aho yaje gustsinda igitsindo acaba umwana akiri muto atsinze igitsindo akiri muto mu mugwi nserukira gihugu wa Austaralia.ibi vyaraye bibaye mw’ijiro buca ryakeye mu BURUNDI aho Austaralia yariko ikina n’igihugu ca Turikiya. Imana y’uguruye ntawugara.
Ibimenyesha makuru vya buraya vyose biriko bitanganza UWU mwana w’uburundi amateka ariko arandika akoresheje ukuguru kwiwe Ku bubamfu.





Recent Comments