UBM News ads

Ubunyonyezi bukorwa na CNDD-FDD

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abarundi bakwiye kubwizwa ukuri Ku ma dosiye amwe amwe aba apfunze aba CNDD-FDD. Uyu mugabo yitwa Wakenya ejo bundi yabonetse amagara amukitse kandi ivyo kira kiramwa muntu ntawe witoshikira gusa aba akwiriye guhabwa ububasha bwo kuvuzwa kandi ivyabazwa bikaja Ku mugaragaro.

Nk’uko umukuru w’igihugu avuga ko abishe igihugu ari ba CNDD-FDD ntabesha ko arabizi neza cane . Mu makuru ariko avugwa uyu mugabo niwe yahora azana kimwe mu myambiro Brarudi ikoresha mu kwenga inzoga uwo mwambiro ni Malt. Biravugwa ko mu kigo OBR basanze afise amakori atigeze ariha y’amamiriyaridi 33. Ejo bundi biravugwa ko Hari mbere umuyobozi wa OBR aheruka kwitaba Imana mu buryo budatahuritse bamwe bavuga ko yahawe uburozi ariko arakurikirana iyo dosiye, uwo muyobozi niwe yatwara igisata ca matagisi y’imbere mu gihugu. Ego muri dosiye yindi imupfunze birabugwa ko harimwo dosiye yokugura ikigo gihugura inzoga kivukana na Brarudi Kiri i Bukavu , bikavugwa ko batumva ukuntu yogura ikintu Kiri aho M23 itwara ariko badakorana.

Ingorane aho iri si ahandi ,kuki Abarundi batabwirwa canke imanza z’aba bantu zije kumugaragaro ? Ejo bundi bazomutwara ivyo bintu bahejeje arekurwe kandi ivyo bintu bizoja mu minwe y’abategetsi. Abarundi barakeneye kumenya ukuri ,imiliyaridi 33 z’amakori Ku muntu umwe si ikintu coroshe. Hari ikintu gikomeye aba CNDD-FDD benshi baranyegeza amahera babicishije mu nkino,bakaba abakuru b’imigwi canke amahirahamwe y’inkino ngo bikunde banyegeze amahera yabo kandi ari Ayo bivye. Uyu Wakenya atwara ishirahamwe ry’umupira wa maboko basketball mu Burundi kandi gushika iyi Saha ntarakurwa. Abantu NDAYISHIMIYE Evariste umukuru w’igihuhu c’uburundi avuga bafukamye igihugu mu nda ubwo si aba aba ariko avuga ? Ico abantu bomenya uyu yahora aba ari Ku kirimba i kiriri gake kaba 2 mu ndwi asangira n’umukuru w’igihugu.

Be nizi dosiye kuki zitaja ahabona abarundi bazimenye

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments