Nk’uko tubikesha ibinyamakuru vy’umupira Rwanda, bariko barinuma kidumu ko yoba ari maneko wa leta y’uburundi. Ivyo ntivyagarukiye aho i radiyo ya bongereza BBC mu Kiganiro baherutse kugiranira n’uwo munyamuziki w’umurundi yaramubajije kuvyo yagirizwa. Nk’uko bisanzwe Mutama kidumu yavyise inkuru zo mu kabare ko we araba ibimuraba atigera aja munsaku kandi ari kidumu wa kera ataja ahindagurika

Ariko rero haraheze iminsi Hari bamwe mu banyarwanda batishimira kubona abaririmvyi ba barundi baja mu Rwanda aho bivugwa ko abana b’igihugu c’uburundi boba bazi gucuraranga kuburyo bageze mu Rwanda basanga bamaze gutwara amanota abanyarwanda guco hakaza ikintu cifuhe. hari n’ibindi ciyongerako kubantu bahunze muri 2015 iyo babonye umuntu avugana n’umuntu ari mu butegetsi bw’uburundi ubwonyene uwo muntu aba acitse maneko.
Nk’uko umuziki atabwoko ugira Niko umuziki utambibe ugira. Naho woba nde ni nk’amazi ntabura inzira naho wogomera gute ahubwo ivyiza uhitamwo kuyaha inzira kugira agende ataco yononye agashika aho yagenewe. N’umuzi ntaho wimiriwe ubuho ubuhinga bwabaye bwinshii cane naho wowuzimya mu kabare ariko mu mazu canke mu ma terefone mu miduga ya bantu bwite ntuwuzimya.
Be nibi si na promo bashaka kugirira ico camamare ko nk’uko yavyivugiye kidumu asanzwe afise abana bafise amaraso y’urwanda ko arafise umukenyezi bavyaranye ubwo rero kiretse ko ari igihugu kitamuvyaye ariko yarakivyayemwo ntacotuma agikorera nabi. Ahubwo igihe imigenderanire ya ma leta iriko igenda nabi abantu basanzwe nabo bagashiramwo amaboko yabo bigiye kumera nabi gusumba.
Twizere ko ari amakuru yo mukabare ko uwarunyoye ntabura Ayo yivugira.





Recent Comments