UBM News ads

Abapolisi bafata abana bacuruza amagi mu gisagara ca Bujumbura bakaca bayarengerako bakayarya bakwiye guhabwa igihano

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ku munsi wo Ku wa batandatu tariki 2/5/2026 Ku mugoroba isaha imwe y’ijoro imodoka y’igipolisi c’uburundi yariko itembera mu gisagara ca Bujumbura,uwo urabona ariko acuruza amagi wese yaca imufata ukamwuriza imodoka be nayo magi. Biramenyerewe ko mu Burundi abana bato nibo bakunze gucuruza amagi. Abo bana baba barahevye amashule ariko kugira ntibaje mwibarabara bararondera ubuzi butobuto harimwo gucuruza ibiyobe canke amagi n’utundi tuzi dutoduto.

Hari umugenzo igipolisi c’uburundi gikunze kugira aho biruka kuri Abo bana nabo bagahungira mu mazu y’ubucuruzi ariko polisi ikabirukako ibakurayo. Ni ishusho iba iteye agahinda kubona. Abo ba polisi Hari igihe barengera kuri Ayo magi bakayarya, Hari igihe uwo mwana agenda afise agahinda kenshi . Amarira amuca hirya nohino. Nta caha aba ariko arakora ko bacuruza mu bubare batekanye yo bahejeje bagataha batekereje. Bifasha igihugu ko abana bataja muvyaha canke nabo baca ubwenge bwo kurondera uburyo .

Ibi biri uko aho abantu barucuza impuzu bazitembereza polisi ibabonye ibirukako Hari abarwa mu miserege Hari abarwa mu miduga bagakomereka n’abashobora kwiruka bakabasiga. Hari abafatwa Abo icaha baba bafise ni gucuruza gusa .

Leta nta tegeko na rimwe ifise ribuza gucuruza umuntu yisanzuye ni uburyo bumwe abantu baba batoye ,iyo leta nyene uba ibuza abantu gucuruza bisanzuye ituma ariyo ibiciro biduga Ku muvuduko udasanzwe. Hari abagore bacuruza ivyamwa bo ntawukibavuga ko barakubiswe barashaya baratotezwa barasubira.

Biri uko aho CNDD-FDD ihenda abantu ko ari leta nkozi leta mvyeyi,Leta nsenzi.ariko uravye ibiri kurubuga ugasanga ni ubuyobe butagira izina.

Birakwiye ko leta yikubita agashi biramaramaje aba bana bazovamwo abakuru aba bana bazoba abagwiza tunga. Abo bana ni kazoza ki gihugu ,ego amategeko ntiyoreka gukora ariko icaha co gucuruza Kiri Ku mwana acuruza amagi Kiri hehe ? Ariko ejo bazovuga ko abarundi ari abanebwe. Hari ikibabaje ababikora bose babikora bakuyeko imparati.

Ico gipolisi cirirwa gitoteza abunguruza abantu , uwugerageje kwiyungunganya wese kiramurwanya,none uburundi hazoba abatunzi gusa ? Ejo bundi NDAYISHIMIYE umukuru w’igihugu yabuze ko abantu boduga bakava i Bujumbura baja mu gihugu hagati, koba ari kurusha abantu ngo Bujumbura ibemwo gusa abagwiza tunga bonyene ? Ni bisagara bikomeye cane kw’isi ntihaba umugwi umwe w’abantu ,ko Abo bato bose barakenewe ko abagwizatunga bakenera abantu bato bokoresha.

Igikomeye ni leta ko yumva ko iri aho nk’umuvyeyi atunganiriza abantu bose .

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments