UBM News ads

Kirapanze kandi kiragabanganwa umwe wese akurako agece kiwe

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ni kuri uyu munsi igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2026 inyuma y’imyaka 11 aho Ku munsi nk’uyu nyene 26 Ndamukiza 2015, hatowe uwuzoserukira umugambwe CNDD-FDD uwuzoserukira ngo yitoreze kibanza c’umukuru w’igihugu.

Abarundi batari bake harimwo n’abagumyabanga ba CNDD-FDD bonyene, ni inkuru bakiranye canke bakiriye ugutandukanye.Benshi baremeza ko Evariste vyamunaniye gutwara mbere nawe nyene aravyemeza aho yavuga ko buca ahava kubatamwiyumvamwo.

Abarundi benshi baribaza uko bagiye kubaho muri iki kiringo aho bazokena cane gushika aho inzara izokomora abatari bake kumvo yuko kiretse ko nivyahuha bigiye guhuhuka kubera ko n’isi iyumba hageze uburundi bwo atawubona iyo igihugu kizoba kiriko kiraja.

Kubatari bake ni umunsi wakababaro cane aho Kumva ko bagiye kumara imyaka yindi ataho baja ngo basubire. Ikiringo agiye kwiyongera ntawe gitangaje ko umugambwe CNDD-FDD ni amagaburanyama aho umwe wese akwega yikwegerako.

Benshi bagaruka kwitorwa ry’uwurongoye inama nshingamateka, aho vyari vyagoranye ko Neva ntiyamushaka kumvo z’uko yarazi ko azomuzibira Ku kiringo ciwe ca kabiri.Yaragondojwe cane ariko nawe yarabateze ko uyu munsi ariwe azitoza mu kiringo 2 mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

Hageze kuri Reveriano niho umukuru w’igihuhu nawe yabanje kumwemerera ko kugira agaruke mu kibanza c’umukuru w’igihugu nawe amurekera ikibanza co gutwara umugambwe.
Nuko rero uburundi kwama ari kugabagura igihugu umwe wese atwara agace kiwe atari kwiterambere ry’umunyagiguhu mutomuto.

Birangiye rero bakigabuye NDAYISHIMIYE Evariste azobandanya mu kibanza ciwe, Reveriano uko nyene be na Gélase aho yarari. Ngw’ico ico CNDD-FDD abayitwara bita gukunda igihugu canke ko cabavunye.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments