UBM News ads

Umugambwe CNDD FDD wubakiye kuburyarya

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Nta nkeka uravye isanamu uguma ubona ko umugambwe CNDD-FDD wubakiye kurukundo ariko inyuma y’isanamu Hari umwikeko,uburyarya aho umwe wese amazi anywa yemera kuyakura mu rugo iwe mu minsi imwe imwe yo hageze ivyo bateka umwe wese afungurirwa n’uwo aba yarungitse kubikurikirana

Inyuma y’umwikeko nuko ivyo bigisha abarundi vyo gukunda igihugu atarivyo bakora, ubusuma ugusesagura itunga ry’igihugu, kuzuza ivyabo nababo nivyo biranga Abo hejuru. Umuntu muto ahendwa ko ko umwansi wiwe ari uwo badasangiye umugambwe , hageze gukizura bahiga bamwe batavuga rumwe baja imbere .

Nk’inama bariko nk’izi ziriko zibera i Gitega,ni amagaburanyama hagati yabo .Umwe wese abafise igice yigaruriye ategerezwa gukamisha. Ibibazo nyamukuru biraje ishinga igihugu sivyo bibaraba. Indwi iraheze ataco bahaye amaboko ari guherekeza umuntu umwe rudende azoheza akabahagrikira mu gusubiza itunga ry’igihugu inyuma . Nta neza y’igihugu yariko irabaraza ishinga ni ineza yabo n’imiryango yabo.

Bimwe bihanze igihugu bazokubwira ko uja kuvyihigira ataribo babibazwa. Inyishu zingorane ziri mu gihugu bazokubaza nk’igitoro ko Hari aho bakivoma ariko hageze guhana amabanga Igihugu kica kija imbere . Nta rukiza ni ntwaro nkiyo bizofata igihe igihugu ngo gitere imbere . Igihugu gisubira inyuma nk’ibirenge aho ari kwaguhigana kubaranga canke kubatwara umwanya munini bariko bimbana

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments