Aho bukera abagumyabanga buca bahabwa amategeko Neva yatoye ngo yemezwe nk’ingingo zigenga uwokwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu. Izo ngingo biravugwa ko yazubatse Ku ngero yiwe.Ubiravye uko zizoba zubatse uwuzoba akwije ibisabwa kwitoreza ikibanza co guserukira umugambwe CNDD mu kibanza c’umukuru w’igihugu nta wundi azoba abikwije atari Evariste NDAYISHIMIYE.

Abari bamenyereye ko abasirikare aribo batanga ingingo CNDD-FDD, umukuru w’igihuhu Neva ubu yarabigijeyo aca afata ingingo ko akagwi gato ko kwiga ivyo yipfuza buca bitorwa. Kiretse iyonona ry’umwanya n’amahera nta demokarasi iba muri CNDD-FDD. Neva noneho yaramaze gutanga ibizoba birimwo murivyo buca beza. Bamwe bati batiriwe baraja kubidondagura,barazi ko nawe ibitari bike vyotuma ataba umukandida ko vyinshi bimuraba nk’agacupa n’ibindi.
Ubwo rero kumwe vyahora no gushiraho Leta atawe yagishije inama n’ubu Niko ariko arabikora,ese kuri Nkurunziza ko abasirikare bamuteye ubwoba mu gihe nk’iki agahindura muri iri joro Hari aho bomuhinduza ntiyitoze ? Ibi biri kure nk’ukwezi ko Neva afise ibintu vyiwe bwite acubaka atota mu nzira ko uwoza yoca abimwaka ataraheza, Neva arakeneye kuzova kubutegetsi abatari bake yarabamaze inguvu ntagire uwuzofata ingingo yomutwara canke imunyaga ivyo yaronse nawe bidaciye mu kuri . Burakeye tubirabe mugani wa wa wundi .





Recent Comments