Ntawutazi ko Urwanda n’Uburundi bafise imbono z’ibiri kuva kera no Ku ntwaro ya cami. Nivyo kubami ibihugu bibanyi vyaragera aho no gukozanyako aho ingwano zaba zarizo kwiyagurira,aho uburundi imbere y’umuzo wabakoroni habaye ingwano uburundi bwikebera igice kinini nka Butare yose haba i BURUNDI. Iyanyuma ni mu kirundo aho abanyarwanda bahasize ubuzima Ku bwinshi.

Uburundi n’Urwanda muri iki gihe ca vuba inyuma yo kwikukira bwagiye butwarwa n’ubwoko bubiri budasa, igihe haba hari abatutsi i BURUNDI mu Rwanda haba ABAHUTU. Nta munsi higeze haba intwaro yabasangiye ubwoko bumwe batware icarimwe muri ibi bihugu. Ibi rero vyagumije ingorane Ku mbono no kwikekana Ku bice vyose. Aho vyabaye gato n’igihe BUYOYA yatwara gato muri 1996 gushika 2003 ariko naho yararembejwe n’imigwi yagwana kandi ubutegetsi yarabusangiye n’abahutu
Aha nyene BUYOYA afatanije na FPR ya KAGAME baragiye kurwanya imigwi y’abahutu muri Congo bava mu bihugu vy’urwanda n’Uburundi naho nk’urwanda n’ubu ari icitwazo Abarundi biciye kuri Radjabu baregereye KAGAME haraza agahengwe gato.
Inyuma ry’ipfungwa rya Radjabu bisa n’uko KAGAME atongeye kwizera intwaro y’abahutu yagumye abona ko ari ingorane Ku RWANDA. Nawe yafashije ko intwaro y’abahutu yohava canke hakaza abahutu bamworohereza. KAGAME na ba DD ni kurabana ayingwe no mu gihe Hari agahengwe. Igihe bavugwa ko Hari abashatse gutembagaza intwaro vyukuri suko siyo ngorane ahubwo aba Bahutu bahirwa nk’ivyitso ko bazi Urwanda atari urukundo kubarundi ahubwo ari urwanko Ku Bahutu n’abatutsi.
Ubu rero ikivugwa n’ibitero Ku BURUNDI Ku RWANDA ukuri siyo ngorane. Ahubwo ingorane nk’uko abatutsi biburundi biyumvamwo intwaro gitutsi y’urwanda ABAHUTU burwanda bo bitwa FDLR bibonamwo UBURUNDI. Intambara ya Congo yo yaje urwanda rubona ko Uburundi bugiye hamwe na Congo abahutu baca baronka inguvu hama urwanda rukaba rubuze inguvu gurtyo intwaro yabatutsi ikaja mu ngorane.
Intambara ivugwa rero y’uburundi Ku RWANDA si bishasha. Mu BURUNDI Hari abanyarwanda babahutu bahiyumvamwo gusumba ikigali Hari abahutu bahahungiye batswe ivyabo vyose na KAGAME akarorero ni umukuru wa DITCO abacuruza i Bujumbura batandukanye. Ni nk’uko hama Hari abatutsi nabo bumva ko batekanye bari mu Rwanda uburorero ni bwinshi uhereye no muri 2015.
Umwikeko rero wama uhari ko no mu bihugu hagati haba mu Rwanda canke i Burundi umututsi Yama yikeka muhutu ko yomukorera ikibi ariko IBI sivyo ahubwo abatutsi bamwa bazi ko ari inkehwa ahubwo abahutu babanka ariko igihari nk’uko ubwo bwoko burongoranamwo aho muhutu atwara umututsikazi ariko igihushane Kiri hasi cane ko ni gake umututsi atwara umuhutukazi.
Izi ntambara zama zivugwa kuva kera si zubu si izi intwaro ya CNDD-FDD ahubwo ni kuva kera kandi vyose biba nk’ikereresi Yama ifise igice ca mbere izogira ibice vyinshi nk’irukino rw’urunana canke nk’umuco. Nta nyungu ihari Ku Burundi ngo butere urwanda ahubwo inyungu ni amahoro.
Imikenyuro ni myinshi Ku bihugu ko urwanda rushobora kwerekana ko Uburundi bushaka gutera aha rero u RWANDA nago rugaca aho M23 yafashe kugira rutere Congo n’Uburundi ngo ni kwivuna u Burundi.
Ugiye kuraba igishigikira ko ari ingwano y’ubwoko Ruto na Museveni ni abakuru b’ibihugu mu bihugu vyabo ubwoko bwabo bwegereza kuba abatutsi, ubwoko bwa Evariste NDAYISHIMIYE, n’abandi bataba bavuze Tshisekedi, Samia aho bavuga ko ibigwanisho bica ni abahutu.
Ehe ikinyoma ,none ko bavuga ko ibigwanisho bica muri Kenya bakavuga ko Ruto ahabura NDAYISHIMIYE kudatera urwanda uwo Ruto ni umututsi kuki adafata ivyo bigwanisho ? Abarundi boba babuze ikivuko ca Dar es salaam babicishako aho boca babicisha Ku muntu bazi yobasesera agatabi ? Vyose biri muri rwarwikeko , naho hoba ibitero uburundi bukikijwe na Congo vyoca naza Angola bikazan kukibuga c’Indege ca Bujumbura canke Dar es salaam aho Ruto atobibona. Ukuri ni uko intwaro ya batutsi itizera iyabahutu ni nk’uko intwaro y’abahutu itizera iyabatutsi.





Recent Comments