UBM News ads

Imbwa ikuga ikabuza itiro umukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

I Gitega aho yariko yugurure inyigisho z’amatora, umukuru w’igihugu nagashavu kenshi yabonetse ariko ahangana n’umuntu atazi ngo yiyise imbwa itukura yandika amajambo ataryohera umukuru w’igihugu.


Benshi baratangaye bumvise NDAYISHIMIYE ariko ahangana n’umuntu yoba yikeka mugabo atazi neza ko ariwe. Ni x account aho icako Amakuru avuga imigambi yose canke amayeri yose ya NDAYISHIMIYE.

Kubona imbwa itukura buri munsi uvuga ko iri mu ntagoheka zashize CNDD-FDD muga kuva iza rya NDAYISHIMIYE hatumye haba gukumirwa. Imbwa itukura buri munsi ivuga kuri NDAYISHIMIYE ntivuga kuri system ya CNDD-FDD. Imbwa itukura ifise amakuru menshi araba NDAYISHIMIYE.

Umukuru w’igihugu avuga ko atakamaro n’umwanya yoyiha. Umukuru w’igihugu imbere y’abategetsi afashe akabeshuza ikintu ntikiba ari igisanzwe. Umukuru w’igihugu aho kwerekana imigambi yakoze agafata umwanya muco yita insaku haba Hari kabaza.

Ivyo kugira ama account yinyegeza umuntu akanyegeza uwariwe, vyazanywe cane cane na Abarusiya mu ngwano,aho kenshi bikoreshwa ni perereza batangura batanga amakuru yo bagaheza bakoresha izo account mu kuyovya abantu. Ntawuzi neza mwene page yiyita imbwa itukura.iyi Promo umukuru aba atanze irakomeye.Gusa na Nyambwa itukura, yishuye NDAYISHIMIYE ko ni Gitega bari bicaranye.

Benshi baribaza uwo mukenyuro ukabasiga ariko ntanuwotangara ari mu ba generali bari hafi ya NDAYISHIMIYE ko n’ejo haheze bivugwa ko Bunyoni muvyo yagirizwa kandi yafatanywe kwari guha amakuru abantu bahunze Ikiringo ca 3 n’ubu rero wosanga Hari murabo nyene.

Ikibazo ni gute umukuru abura umugambi avuga akavuga insaku,ni gute yumva ko atamatora ahari akenewe muga ata umwanya. Ni gute yumva ko igihugu demokarasi atari imigambwe myinshi akabandanya asesagura itunga ry’igihugu?

Aho biri hose ni kwisuzuma,iyo mbwa itukura ntiyoba iratiro ryo kubwira ishengero ry’abantu, hakenewe imigambi

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments