Ntibisanzwe! Hagati ya President Neva hamwe na Baratuza, jewe sindi wa muntu yisemba kubutegetsi ariko vyukuri uno mwubahwa akwiye amashurwe, abamwegereye mu mubwire ko Umuhungu wa Bunyoni (Eric Nyandwi ) ndamwemera cane , burya muramaze gukurikirana speech ziwe mukunva ingene avuga ijambo riciye kwishure? Kubantu mutazi vyinshi bimwerekeye, Gaspard Baratuza ni umwe mubasirikare bazwi cane mu gihugu kandi arangwa no kuvuga make , azwi cane kubera amabanga y’ubuvugizi bw’igisirikare c’igihugu ( #FDNB) no kuba yaragize uruhara mu bikorwa vy’iterambere ry’igisirikare c’Uburundi mu mahanga.

Gaspard Baratuza n’umusirikare Yize muri Belgique , aho yaronse diplôme mu bijanye n’ubuhinga bwa gisirikare bw’ikirere (Air Force Engineering) muri Hellenic Air Force Academy i Dekelia-Tatoi, Athens, mu 1995.
Gaspard Baratuza Afise kandi diplôme y’ikirenga (Master’s Degree) mu bijanye n’ubuyobozi bw’imiryango (Organizational Leadership) yaronse muri International Leadership University i Bujumbura ku wa 31 Gitugutu 2017.
Uyu musirikare akaba ari n’umwanditsi aho yanditse igitabo citwa “Military Leadership in Conflict Transformation with Reference to the Burundian Troops in Somalia” , casohotse mu Kigarama 2019, aho ashimangira uruhara rw’igisirikare c’Uburundi mu kugarukana amahoro muri Somalia.
Mumajambo make Uyumusirikare arangwa ń’ubwitonzi Ndetse akaba Azi vyishi m’ubuzima bwa politique no mugisirikare c’uburundi bwacu .
Akira amashurwe urayakwiye nyakubahwa !





Recent Comments