UBM News ads

Ukwezi kwa kane kubonwa ugutandukanye muri kahise bivanye n’ubwoko umwe wese arimwo

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kuva inyuma yo kwikukira abarundi ntibabona kumwe kahise bakabona bivanye n’ubwoko umwe wese arimwo. Ehe raba duhere muri 1972, usanga abahutu bagiriza ubwoko bw’abatutsi ko bashatse kubamara ahubwo abahutu basaba ko hemezwa ihonyabwoko ryakorewe abahutu.

Aho rero turabe amabi yabaye mu 1988 n’ubundi abahutu n’abatutsi ntibabona ivyabaye kumwe.
Muri 1993, abatutsi bati twarakorewe ihonyabwoko abahutu bati nimwe mwatwiciye umukuru w’igihugu wambere yaratowe n’abanyagihugu kandi yari mu bwoko bwa bahutu. Hageze aho no mukwibuka umwe wese usanga yabujijwe uburenganzira bwiwe. Aha tuvuga nk’abana baturiwe mu kibimba aho abavyeyi ataruhusha baronswa rwo kwibuka ababo.

Muri uku kwezi nyene aho twibuka umukuru w’igihugu NTARYAMIRA ariko kurundi ruhande Hari kwibuka Erneste Manirumva bivugwa ko yishwe nabari ku butegetsi.Hari bamwe batari bake basaba ubutungane kuri Manirumva ariko Hari ababaza bati kuki Manirumva bashiramwo inguvu ariko NTARYAMIRA atigera yibukwa kurugezo ko abarundi bosaba igihugu c’urwanda ko cishura kuwishe NTARYAMIRA.

Biraboneka ko harimwo urwenge mu barundi binyegeza ngo amacakuri yaraheze kandi atarahera

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments