Mu birori vyo gutanguza Ku mugaragaro kw’ibuka abazize Jenoside, kagame yavuze ijambo ryagumye rigarukwako n’abenshi.
Muri make yerekanye aho jenoside yahejeje abanyarwanda ariko agirako yerekana anahira ko amateka yabaye atazogaruka Ku RWANDA. Yaravuze ko uwo wese azorota ashaka kongera kuzana canke azikekwako gushaka kuzana ivyiyumviro bibi azomutera akamwica. Ngo urwanda rw’ejo sigo guyu munsi.
Arerekana ko ubu atari ikibazo c’abakuze ahubwo ari ikibazo ubu Kiri hagati y’urunganwe rutandukanye. Muri make aremeza ko atavuga kugatwe kiwe ko Azi ko n’urwaruka ubu ruzi neza ko aho urwanda twaciye ivyo rwaciyemwo ata muntu yokwipfuza ko yobisubiramwo.

Ariko rero abenshi bamukosora bavuga bati kwiyunga nyako ni Kumva ko uwo wese atavuga ivyo ashaka canke no mubapfuye mu bwoko bw’abahutu bakwiye kuronka agaciro nkako n’abantu bo mu bwoko bwa’abatutsi baronswa. Benshi bati none harya Juvenal Habyarimana umukuru w’igihugu apfuye kandi FPR inkotanyi kuki yanka guha uburenganzira bwo kunamira Juvenal Habyarimana ariko bakavuga ko ataribo bamwishe ari igisirikare ? Niyaba ataribo bakwiye Ku muha agaciro nawe nk’abandi





Recent Comments