UBM News ads

Imbwa ziramaze abantu,nta rucanco ruhari mu gihugu.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

imbwa zisara zirahumaganye mu kurya abantu mu ntara zitandukanye,ikibabaje urucanco rwazo rwarabuze mu gihugu nkuko vyemezwa n’abashingamateka!umushikiranganji Lyduine Baradahana avuga ko habaye ikibazo c’ama devise ariko rugiye kuboneka bitarenze munyonyo.

Gelase Ndabirabe yasavye ko bazihwata zose bakazica none ako kamo abarundi ntibakumva?imbwa atari konona mu rugo imaze iki?none zice abantu dutekereze?

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 20 gitugutu 2025 abashingamateka barashikirije amakenga bafise kukibazo c’imbwa zisara mu gihugu zimaze imisi zirya abantu ariko hakabura urucanco rwazo.

Akarorero ka hagufi n´abana 2 bariwe n’imbwa imusigati bagaca bapfa kubera babuze imiti mu gihugu cose.

Nta misi iheze mu ntara ya kera ya cankuzo imbwa zisara ziriye abashika 18 naho nyene kuronka imiti ntivyabaye ivyotoshe.

ico gihe mu nama nshingamateka,Gelase Ndabirabe ayirongoye yasavye ko imbwa zose bazica zikavaho kuko atanico zifasha,ko abantu batopfa kubera imbwa.

Kuri uyu wa mbere umushikiranganji w’amagara y’abantu Lydwine Baradahana akaba yamenyesheje ko habaye ikibazo co kubura ama devise ariko ko izo ncanco zigiye kuboneka hamwe n’ikibazo c’ibura ry’imiti mu mavuriro menshi bitarenze munyonyo.

Umwana wundi yarariwe n’imbwa muri komine Gitega karitiye Rukoba arapfa zisigaza amagufa gusa hari kuwa mbere igenekerezo rya 20 gitugutu 2025.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments