Leta y’uburundi iguma irungika ingabo muri kongo,umuji wa Bujumbura niwo usigaye ukoreshwa mu kurungika ibirwanisho muri kongo bikaba bibangamiye amasezerano ya Washington nkuko vyemezwa n’Umushikiranganji w’imigenderanire y’urwanda Olivier Nduhungirehe.
Nduhungirehe akemeza kandi ko n’ibiganiro hagati y’urwanda n’uburundi vyahagaze kubera leta y’uburundi yagumye irungika ingabo muri kongo zikifatanya na FDLR.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’urwanda Olivier Nduhungirehe yemeza ko ibiganiro na leta y’uburundi vyahagaze inyuma yaho leta y’uburundi ikomeje kurungika abasirikare muri kongo bakifatanya na FDLR ubu bakaba barenga ibihumbi 10.
Nduhungire yemeza kandi ko ivyo leta y’uburundi iri gukora bibangamiye amasezerano ya Washington yo gukemura intambara iri mu buseruko bwa kongo biciye mu guhagarika intambara hakaba n’inzira y’ibiganiro.
Uwo mushikiranganji akemeza ko kurungika ingabo muri kongo,Leta y’uburundi iriko yifatanya na FDLR kandi amasezerano ya Washington avuga ko FDLR itegerezwa gusenywa burundu.
Ikindi Nduhungirehe yongerako nuko n’umuji wa bujumbura usigaye ukoreshwa nka (base arrière) mu kurungika ibirwanisho muri kongo.
Umushikiranganji Nduhungirehe akavuga rero ko ibiganiro vyari vyatanguye na leta y’uburundi n’urwanda kandi bisabwe n’uburundi ariko vyaje guhagarara kubera uruhara rwa leta y’uburundi mu ntambara ya kongo.
Muvyari kwirwa ubwambere si ivyerekeye cane imipaka yugawe na Leta y’uburundi ahubwo kwari kwiga uko leta y’uburundi yohagarika kurungika ingabo muri kongo ikareka kifatanya na FDLR nkuko Nduhungirehe abandanya abivuga.
Ibi akaba yabishikirije mu kiganiro yaraye atanze ku mboneshakure ya Ukweli times ku musi w’ejo kukibazo c’umubano w’urwanda n’uburundi.





Recent Comments