Kagame ateje akaga gakomeye abanyekongo,hama inama y’abarongoye ibisirikare birwanira hasi muri Afrika igaca ibera mu Rwanda kandi ikugururwa na Prezida Paul kagame?iki kintu ntigisanzwe kuri paul kagame bikomeza kumugira igihangange mu karere aho avuga rikijana.none n’uburundi ko bw’itavye iyi nama ntibuzi ivyo kagame ari gukora ikongo?
Paul kagame yemeza ko Afrika ari umugabane wa mbere Uhanzwe n’intambara nyishi kandi afrika yonyene niyo ubwayo yokwicungerera umutekano ititeze amakungu.

Mu nama y’imisi 3 iriko ibera mu rwanda y’abakuru b’ibisirikare birwanira hasi,aho mbere n’uburundi bwayitabiriye buserukiwe na Gen Major Jean Claude Niyiburana. Biratangaje ingene prezida kagame ateje akaga gakomeye muri kongo hama akaza kwakira inama ikomeye nk’iyi?
Ibi bibandanya kwerekana ubuhangange bwa prezida kagame no kwirengagiza kw’abakuru b’ibihugu vya Afrika akaga Paul kagame ateje muri kongo.
None Paul kagame yoteza intambara muri kongo hama akakira inama nk’iyi ikomeye?Rero igitangaje Paul kagame mw’ijambo ryiwe yemeje ko umugabane wa Afrika uhanzwe n’intambara kandi ko ari abanyafrika ubwabo bo kwicungerera umutekano.
None twovuga ko ibihugu vyose vyitavye iyi nama bitazi ko urwanda ruri mu ntambara muri kongo?n’uburundi nabwo bwoba butabizi kandi bufiseyo n’abasirikare muri kongo?
Afrika ubwayo iratinya kudomako urutoki Paul kagame mu gihe kongo iriko irahungabanywa n’urwanda,si Afrika gusa n’ibihugu vya bulayi n’amerika ntaco bishima kuvuga ku ntambara kagame ariko ateza muri kongo ibiriko bituma Paul kagame akomeza kuba igihangange mu ri afrika no mukarere.





Recent Comments