UBM News ads

Agateka kazina muntu mu burundi karagoyagoya-Mgr Martin Blaise Nyaboho.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ubwo ntagiye kubizira?kuko Daniel Gelase Ndabirabe yari yaramuhaye gasopo!Mgr Martin Blaise Nyaboho arongoye umurwi CNIDH yemeza ko agateka kazina muntu mu burundi gahonyangwa inyuma yo kwibonera amabohero menshi yuzuyemwo abapfungiwe ubusa,ibitigiri vy’umurengera,abahejeje igipfungo ariko ntibarekurwe.

Kubwa Martin Nyaboho gushika kuri ya mbonakazoza biracari kure mu gihe agateka kazina muntu kagihonyangwa.

Ku musi w’ejo mu ntara ya Burunga yagutse,umukuru wa CNIDH Mgr Martin Blaise Nyaboho yarashikirije icegeranyo inyuma yo kugendera amabohero menshi n’ubusho butari buke mu ntara ya Burunga na Gitega aho basanze agateka ka Zinamuntu gahonyangwa.

Mgr Martin Blaise Nyaboho yemeje ko basanze amabohero menshi yuzuyemwo abantu m’umurengera,bapfunzwe nabi,imanza zidindizwa,amadossiye adatangwa ku gihe,gupfungwa bidakurikije amategeko,abapfungwa bagirijwe ivyaha bitobito.

Kubwa Mgr Martin Blaise Nyaboho,abapfungwa bategerezwa gukingirwa hisunzwe amategeko mu gupfunga abantu,maze gupfunga bikaba ingingo yanyuma.

Mgr Martin Blaise Nyaboho avuze ibidasanzwe kuko uwo yasubiriye yahunze igihugu,SIXTE Vigny Nimuraba yakunda kuvuga ko vyose vyera.

none koko ubwo Mgr Martin Blaise Nyaboho ntibishobora kumukwegera?

Mu gihe abategetsi b’uburundi badashaka umuntu avuga ibitagenda neza mu gihugu ngo aba ariko acapfuza ishusho y’igihugu,niko umukuru w’inama nshingamateka Gelase Ndabirabe yari yamutegetse mw’irahira ryiwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments