UBM News ads

Abanywazwe ivyabo mu magume ya 1972 bagiye kubisibizwa vyihuse-Pierre Claver Ndayicariye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Pierre claver Ndayicariye arongoye umurwi CVR agabisha abantu Bose bigaruriye amatongo n’ayandi matungo y’abahuye n’amagume ya 1972 kubisubiza ata gisabwa bitangenze uko uwuzofatanwa impapuro ndangamatongo za magendu z’abahuye n’urwimo rw’1972 bazohanwa bishimishije.

Kubwa Ndayicariye,n’abazokwanka kuvuga ukuri bakuzi nabo bazohanwa.

Umukuru w’umurwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR pierre claver Ndayicariye amenyesha ko uwo murwi utanguye akazi mbere ko mu ntara zose hari abakozi ba CVR.

Uwo arongoye CVR akaba agabisha uwo wese afise impapuro ndangamatongo zamagendu z’abantu bahuye n’urwimo rw’1972 ko bagiye guhanwa hisunzwe amategeko mbere n’abazokwanka kuvuga ukuri bakuzi ko nabo bazohanwa bishemeye.

Uwo arongoye CVR agasaba abantu Bose bari mu matongo n’ayandi matungo y’abqhuye n’urwimo rwa 1972 kuyasubiza atagisabwa.

Ubu rero imanza zose zijanye n’amatongo y’abahuye n’amagume ya 1972 zikaba zigiye gukwirikiranwa n’umurwi CVR wonyene.

Ibi akaba yabishikirije mu ntara yagutse ya Butanyerera muri Ngozi yakera kuri uyu wa 19 myandagaro 2025

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments