UBM News ads

DRC-Rwanda:Amerika itumyeko inama yihuta ijejwe umutekano ku mabi ari kubera muri Congo.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Amerika itumyeko inama yihuta ijejwe umutekano ya ONU inyuma yaho amashirahamwe Human rights watch na Amnisty international yerekanye ubwicanyi buteye ubwoba buri gukorwa na AFC/M23 ishigikiwe na Paul Kagame.

Muri mukakaro HRW yatangaje ko M23 yishe abarimyi b’abahutu 140,ubu naho Amnisty international yatangaje ko M23 ikomeje kwica rubozo,gufata kunguvu abigeme n’abakenyezi,kwicira abantu mubitaro,kwiba no kunyuruza abantu.

Ibiro bijejwe ibibazo vya Afrika muri département ya Amerika ejo kumusi wa gatatu igenekerezo rya 20 myandagaro 2025 vyatangajeko amabi ari gukorwa mu buseruko bwa Kongo arengeje urugero gutyo Amerika ikaba yasavye inama yihuta ijejwe umutekano ya ONU ku bwicanyi burenze buri gukorwa muri Kongo bikozwe n’ihuriro AFC/M23 ishigikiwe na Prezida Paul Kagame.

“Ihohoterwa rya kiremwa muntu riri gukorerwa mu buseruko bwa Kongo ryarenze urugero kandi ntibishobora kubandanya,Dusaba ko impande zose zibahiriza amasezerano yo guhagarika intambara yasinywe i Doha hagati ya RDC na M23 .”Niko itangazo ry’ibiro vya département ya Amerika kubibazo vya Afrika ivuga.

Ibi bishitse mu gihe amashirahamwe mpuzamakungu adaharanira ivyicaro vya politike nka Human Rights watch na Amnesty International ryerekanye ubwicanyi bukomeje gukorwa muri kivu y’epfo n’uburaruko.

Amnesty international kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 20 Myandagaro 2025 ryaraye ryerekanye amabi ari gukorwa n’ihuriro AFC/m23 ishigikiwe n’urwanda kurundi ruhande urwaruka rwa Wazalendo rushigikiye ubutegetsi bwa RDC.

Amnesty international ikaba isaba urwanda gufata mu ntoki iki kibazo c’abarwanyi ba m23 ishigikiye, n’ubutegetsi bwa Tshisekedi nabwo bugafata mu ntoki ikibazo ca Wazalendo.

Nta misi iheze muri Mukakaro Ishirahamwe Human right watch ritanze icegeranyo muri raporo aho abahutu b’abarimyi barenga 140 bishwe muri Rutshuru ivyo babona nk’ihonyabwoko riri gukorwa na M23.

Amnesty international ikaba yerekana ko umuhari m23 uri gukora ubwicanyi bukabije,kunyuruza abantu,kwicira abantu mu bitaro,gufata kunguvu abigeme n’abakenyezi no gusahura.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments