Inyuma ya Tanzaniya,Umurwizatunga Adrien Ntigacika batazira ziranotse agiye kwubaka ihinguriro ry’ifumbire muri Uganda riciye Imiriyoni 180 z’amadorare y’amerika
Mu gihe abarundi bagihanzwe no kuronka umwavu ukwiye uyu ntigacika akomeje gushinga amahinguriro hanze y’igihugu,akunguko kugihugu canke uruhombo?

Ntigacika Adrien azwi nka Ziranotse yateye umukono ku masezerano na Reta ya Uganda ajanye no kwubaka ihinguriro rihingura umwavu mu karere ka kampiringisi mu gihugu ca Uganda.
Ni mugihe Ayo masezerano Hagati ya Ziranotse na leta ya Uganda angana n’imiriyoni 180 z’amadorare y’Amerika.
Iryo hinguriro rikazoba rishobora gutanga umwimbu ugera k’umatoni t 350.000 ku mwaka hakoreshejwe amase y’inka z’aborozi bo mur’ico gihugu.
Muri izo toni, izigera ku 250.000 zitegerezwa kugurishwa mur’ico gihugu.
Umushikiranganji wa Mbere wa Uganda Robinah Nabbanja amenyesha ko uyu mugambi uzofasha igihugu ca Uganda kuziganya imiriyoni 300 y’amadorare yahora akoreshwa mu kurangura hanze iyo fumbire buri mwaka. Bikazonafasha abarimyi bo mur’ico gihugu kugura ifumbire ku giciro kitavuna.
Ziranotse akaba agiye muri Uganda inyuma yaho yaheruka kwugurura uruganda ruhongura ifumbire mu gihugu ca Tanzaniya.
Abenshi baribaza impamvu uyu murwizatunga akomeje kwugurura amahinguriro mu bindi bihugu mu gihe abarundi ubwabo bataronswa umwavu ukwiye.





Recent Comments