Umunyepolitike Alexis Sinduhije aremeza ko abarundi isinzi harimwo naba CNDD-FDD biteguriye kubohoza igihugu kuko uburundi bugiye akagirire.
Alexis Sinduhije ati:”benshi biteze abanyarwanda ariko sibo bazobohora uburundi kiretse abarundi ubwabo.”

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 19 myandagaro 2025 I Paris mu bufransa,umunyepolitike Akaba arongoye umugambwe MSD utagikorera kubutaka bw’uburundi yamenyesheje ko abarundi benshi biteguye kurwanira uburundi kuko bugeze aho umwansi ashaka.
Mw’isabukuru ry’imyaka 16 uwo mugambwe umaze utanguye gukora kumugaragaro,Alexis sinduhije yibukije abarundi Bose cane cane ababa hanze ko basabwa kwigisha cane abandi barundi babe benshi maze babohoze uburundi.
Kukibazo c’abarundi bamaze kwihebura,uwo munyepolitike arabahumuriza aho abamenyesha ko batokwitega abanyarwanda ngo bazobafasha.
Agira ati:”Abanyarwanda sibo bazobohora igihugu,abarundi benshi harimwo naba CNDD-FDD bariteguye kubohoza uburundi kuko ata gihugu kikiriho.”
Abarundi bari hanze nabo yabibukije ko naho bari hanze atawugira icubahiro atagira igihugu,ntushobora kubaho neza utagira igihugu cawe gutyo rero basabwa guhaguruka igihugu ntigitembe barorera.





Recent Comments