Barundi bene wacu,kuberiki mworoshe guhendwa?
Kuberiki amatwi yanyu yakira vuba ibihuha,akigiza hirya ukuri?

Twese turabizi ko hariho itandukaniro hagati ya Consulat na Ambassade,kandi tunabizi cane gusumba abenshi muri mwebwe muganza guharira gusa!! Kenya nta rubibe ihana na Goma kugira ishireho umu Consulat afasha ambassadeur murako karere,ivyo bishoboka mugihe ibihugu bihana imbibe,hakaba hari uruja n’uruza rwabanyagihugu hagati aho bihanira Imipaka,aho rero Igihugu kimwe murivyo canke vyose,bishobora gushiraho umufasha wa Ambassadeur mugihe Ambassade iba iri kure. Akarorero: Uburundi bufise Consulat hariya i Kigoma muri Tanzania,kubera intara ya Kigoma ihana urubibe n’Uburundi,kandi ikagenderwamwo n’Abarundi benshi Ubwo rero bashatse kworohereza Abarundi bahagendera kuvyo bokenera kuri Ambassadeur kubera Ambassade iri kure(Dar es salaam)
None Kenya irahana urubibe na Goma?
None i Goma hariyo uruja n’uruza rw’Abanya Kenya? Mbega muribaza ko uyo yaraye agenweyo guserukira Kenya azoha Rapport Ambassadeur wa Kenya i Kinshasa? Inyishu ni Oya! Ozoyiha Ruto directly!! Ariko umu Consulat atanga rapport kwa Ambassadeur kuko aba ari icariho ciwe!! Mbega kuva aho Goma yabereyeho,kuberiki Kenya itari bwarungikeyo umu Consulat ikamujanayo uyu musi kandi ibizi neza ko ari ngombwa bibateranye na Leta ya Kinshasa? Mbega uyo Consulat yakiriwe nande? Namba Leta ya Congo itagaba Goma uyu musi?
Rero kirazira ko muza murahuruduka gusa,mupinga ibintu mutabanje kubaza ubwenge bwanyu neza!! Uriya ni Ambassadeur kandi ataho ahuriye nuw’Ikinshasa kuko ntibaserukira Kenya muri Leta imwe!!! Aha hasigaye ko turaba Ingingo Congo ifata kuri Kenya gusa,namba yugara Ambassade ya Kenya I Kinshasa canke ko yemera kugira Ambassadeur kuri Leta ya Kinshasa na Ambassadeur kuri Leta ya AFC/M23. Kandi mugume mwibuka ko ihuriro AFC ryavukiye muri Kenya ku burongozi bwa Ruto nyene,bisigurako bazinanye cane!!





Recent Comments