Inyuma y’umubonano udasanzwe Donald Trump aheruka gukorana na Putin hano muri America , Perezida Donald Trump yatangaje ko ashigikiye iciyumviro c’umuyobozi w’Uburusiya Vladimir Putin co kwigarurira akarere kose ka Donbas kari muri Ukraine

Donbas isanzwe igenzurwa n’uburusiya kubice 88% , imbere y’intambara , yari ibamwo abanyagihugu barenga imiliyoni 6.5 , ariko kuva mu 2014 , abarenga imiliyoni 1.5 baramaze guta izabo bahunga.
Mbibutse ko intandaro yino ntambara aruko Ukraine yashaka kurenga ku masezerano igashaka kwinjira mu murwi wa gisirikare wa NATO, ibi Putin yabifata ko bishobora kubangamira umutekano w’uburusiya.





Recent Comments