Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ,iterambere rusangi Martin Niteretse avuga ko hakwiye igihano co gupfa hako ujanwa mu gasho kubantu bahemukiye igihugu mu kugita mu manga.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu,iterambere rusangi n’umutekano Martin Niteretse yemeza ko igihano co gupfa cakuweho hataragera.
Ku bwiwe avuga ko hari ivyaha vyo guhemukira igihugu,ukagita mu manga,ibi ntibisaba kujanwa mu gasho ngo wirire imiceri ya gusa ahubwo aba bari bakwiye kwicwa.
Agira ati:”gute wopanga ko igihugu kirwa mu manga Imana irakinga,ugafatwa hama uje mu gasho kwirira umuceri!”.
Martin Ninteretse akaba yibukije kandi ikigo OBR kijejwe gutororokanya amakori n’ama tagisi,abacamanza n’igipolisi guhana ata kinya abakora urudandazwa rwa magendu.
Ibi akaba yabishikirije kuri uyu wa 22 mukakaro 2025 mu ruganda rwo kuraba aho urugamba rwo kurwanya urudandazwa rwa magendu rugeze kuva hatangujwe isekeza ryo kurwanya fraude mu burundi





Recent Comments