UBM News ads

Prezida Ndayishimiye adugirijwe amafranga akoresha,1.080.000.000fbu

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu gihe abarundi batubitse uwavubi,nta bitoro,nta ma devise,prezida ndayishimiye wewe yaradugirijwe amafranga akoresha(intendance du président)ava kumiliyoni 720.000.000(2024-2025) aja kumiliyaridi 1.080.000.000fbu(2025-2026).

Uyu mwaka w’amafranga(2025-2026), ntankeka ivyahuha bigiye guhuhuka kuko amakori n’ama taxe yadugijwe kurugero runini.


Mw’itegeko rigenga amafranga leta izokoresha numéro 12 ryo kuwa 24 rusama 2025 rishiraho amafranga leta izokoresha muri 2025-2026,umukuru w’igihigu yaradugirijwe amafranga yahora akoresha.

Mu mwaka wa 2024-2025,prezida Ndayishimiye yari yandikiwe amafranga angana n’imiliyoni 720.000.000 y’amarundi ariko bikaba vyagaragaye ko abashingamateka basanze yakoresheje ayarenga miliyari imwe ivyateye impari ico gihe Audace Niyonzima yatwara ikigega ca Leta akaba yishuye abashingamateka ko amafranga yarenze kuko umukuru w’igihugu Ndayishimiye yakoze ingendo nyishi,maze yakira inama mpuzamakungu nyishi.

Ubuho Prezida Ndayishimiye akaba yaradugirijwe amafranga azokoresha muri uyu mwaka wa 2025-2026 aho angana na miliyari 1.080.000.000 y’amarundi.

Muri iri tegeko biboneka ko leta yadugije cane amakori n’ama taxe ibizotuma ibintu biyangara mu gihe igihugu cugarijwe n’ibibazo vy’ubutunzi,nta gitoro,ifranga mvamakungu ntaryo,ibiciro vyaraduze cane kuvyankenerwa mbere n’ifranga ry’uburundi rikaba ryataye agaciro.

Mu gihe prezida adasiba kuvuga ko ibigega vyiwe vyuzuye,bibogaboga ntareka kudugirizwa amafranga akoresha mu gihe umwenegihugu we atubitse uwavubi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments