UBM News ads

Ingingo za Martin Niteretse ntanimwe ishirwa mu ngiro.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Burya abakomisineri n’abakokayi bahuriye he n’ibibazo igihugu kirimwo?Umushikiranganji Martin Niteretse agiye kubafata Bose bafungirwe ahantu hatazwi.

Ibiyeri bishoka ikongo kandi Martin arabizi,bibonetse naho 5000fbu,isima henshi ni 55.000-60.000fbu,isukari henshi 8000fbu muga ngo uwuzofatwa yabidugije ivyo adandaza vyose bizofatwa bigurishwe icamunara.yoba abonye ko mandat yiwe iheze?akihari yakoze iki?

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Niteretse yamenyesheje ko abazofatwa badugije isukari,isima,ibinyobwa vya Brarudi,ibidandazwa vyiwe bizoca bifatwa bikagurishwa icamunara.

Ikindi nuko abajejwe Intwaro bazofatwa batadomyeko urutoki abaduza ibiciro kugihe,nabo bazokwitwa abafatanya bikorwa babo nabo bazohanwa bikomeye.

Abakokayi n’abakomisiyoneri nabo ntibasizwe inyuma;Bose bagiye gufatwa bapfungirwe ahantu hatazwi kure yaho bafatiwe .

Bamwe birirwa kumarigara nabo bagiye gufatwa bakoreshwe ibikorwa vy’iterambere ry’igihugu.

Izi ni zimwe mu ngingo zafashwe n’umushikiranganji W’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Niteretse kuri uyu wa 24 mukakaro 2025 mu ntara nshasha ya Buhumuza.

Naho biri uko,uyu mushikiranganji mu misi yiwe yamaze arongoye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati nta ngingo nimwe yafashe ngo yubahirizwe ahubwo vyaca vyunyuka.

Nkubu isukare henshi igurwa ibihumbi 8000,Ibiyeri vyarabuze kuburyo bigurwa ibihumbi 5000 kandi bitari kurenze 2500Fbu,isima yoyo igurwa hagati ya 550000 na 60000fbu.ibiyeri vyinshi navyo bijabukanwa ikongo kugira haboneka amafranga y’agaciro.

Kubera ko mandat yiwe irangiye asize atanganje ingingo z’agatwe ariko akihari ntaco yakoze.gupfunga abakokayi n’abakomisiyoneri n’ugukwepa ibibazo abarundi barimwo kuko sibo batumye igitoro kibura,isukare,umuyangankuba,ifaranga mvamakungu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments