Leta y’uburundi ibicishije kuwuyiserukira muri ONU zephyrin maniratanga isaba ishimitse ONU kwemeza kumugaragaro ko abahutu bakorewe ihonyabwoko mu mwaka wa 1972 nkuko CVR yavyemeje.

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 25 ruheshi 2025 I New-York,Leta y’uburundi yasavye ishirahamwe mpuzamakungu ONU kwemeza ihonyabwoko ryakorewe abahutu mu mwaka wa 1972 mu Burundi.
Nkuko vyashikirijwe na zephyrin Maniratanga aserukira uburundi muri ONU,yavuze ko ayo mabi yakozwe 1972 kaba akamizwe n’ingoma ntamuntu yigeze agira ico avuga yaba na ONU.
Zephyrin Maniratanga avuga ko abahutu barenga ibihumbi 200 bishwe nabi bazize uko bavutse.
Uwo aserukira uburundi muri ONU asaba:
Ko ONU yemeza ko abahutu bakorewe ihonyabwoko kumugaragaro;
Gushingwa icibutso c’abahitanywe n’iryo honyabwoko ku cicaro gikuru c’ishirahamwe mpuzamakungu I New-York.





Recent Comments