UBM News ads

Opposition yoba igiye gukoresha inguvu mu gusenyura CNDD-FDD?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Frédéric Bamvuginyumvira arongoye CFOR-Arusha,Libérat ntibashirakandi avugira MAP-Burundi na Chauvineau Murwengezo avugira urunani
CRN-Ingeri ya Rugamba Bose bemeje ko hageze ko ubutegetsi bwa CNDD-FDD busenyurwa hakoreshejwe inguvu za Gisirikare kuko atayindi nzira isigaye.

FRÉDÉRIC Bamvuginyumvira ati:”ururimi CNDD-FDD yumva rwonyene n’umuheto kuko inzira zindi zaranse zose”.

Abatavuga rumwe na leta ya CNDD-FDD basanzwe bari mubuhungiro hanze y’igihugu barakoraniye hamwe mu nama I Bruxelles mu bubiligi ahanzwe hari icicaro c’ubumwe bwa Bulayi kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 28 ruheshi 2025,intumbero kwari kwiyamiriza ivyavuye mu matora yo kuwa 5 ruheshi 2025 no kwiga imikenyuro bokoresha mu gukuraho intwaro ya CNDD-FDD.

Abo batavuga rumwe na Leta ni Frédéric Bamvuginyumvira, Liberat ntibashirakandi avugira MAP-Burundi,na Chauvineau Murwengezo avugira urunani CRN-ingeri ya rugamba.

Uburundi buri mu kaga gakomeye;

Frédéric Bamvuginyumvira arongoye CFOR-Arusha avuga ko uburundi buri mu manga ikomeye,uburundi buri mu bihugu bikenye buzimba.none ayo majwi CNDD-FDD yaronse yari kuyakura he?

Frédéric Bamvuginyumvura avuga ko abarundi bakwiye kumenya badashidikanya ko CNDD-FDD yananiwe no gutwara uburundi.

Inguvu za gisirikare zoba zigiye gukoreshwa?

Kimwe Bose bahurizako nuko utwigoro twose basaba CNDD-FDD yaduye akagere,ntishaka ibiganiro,ntishaka kubonana n’abatavuga rumwe na leta bari hanze niko Bamvuginyumvira avuga.

Imikenyuro mishasha.

Kubwa Bamvuginyumvira imikenyuro mishasha nuko opposition yose iyo iva ikagera boja hamwe,bakungurana ivyiyumviro bigamije kugushayura igihugu.

Agira ati:”twemere ico turi!twebwe ntituvuga rumwe na CNDD-FDD.dutegerezwa gushiraho umugambi no gutegura inguvu za gisirikare zokuraho ubutegetsi bwa CNDD-FDD kuko izindi nzira zose zaranse.”

CNDD-FDD ikaba itwaye igihugu guhera muri 2005,imyaka 20 ikaba irumanye umuhambwe CNDD-FDD utwara uburundi.ariko igihugu kiri mu bibazo vy’ubutunzi bidasanzwe bisa mbere n’ivyabananiye gutorera umuti.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments