Hari umugambi wo kugandagura umuyobozi mukuru wa Irani”suprem Leader”Ayatollah Khamenei bikozwe n’amerika na Isiraheli ariko ibihugu vya Bulayi nk’ubufransa bikaba bidahuriza kuri iyo nteguro.
Mu kiganiro kuri social Truth,Trump avuga ko kwica Ayatollah vyoroshe cane kuko bazi aho yinyegeje ariko amusaba guhagarika ibitero vy’ama missile ariko arakora muri Isiraheli vyihuse.

Mu kiganiro cihariye yatanze muri Social Truth ku musi w’ejo igenekerezo rya 17 ruheshi 2025 przida Donald Trump yiyemeje ko kwica Ayatollah vyoroshe cane kuko bazi aho yinyegeje ariko akabandanya ibitero vy’ama missile ariko arakora kuri isiraheli ndetse hakagira umunyamerika cane ingabo ya US iterwa,kumwica birashoboka ariko baramwihanganiye.
Trump yagaragaje ko mu gihe Ayatollah Ali Khamenei”suprem leader wa iran yohirahira agatera umu sivile w’Amerika canke ingabo za US hari umurongo utukura.
Trump agira ati:”turazi aho uwiyita suprem leader wa Irani yinyegeje,kumwica biroroshe cane ariko turamwihanganiye ntitumwica ubunyene ariko ahagarike ibitero vy’ama missile ariko gukora kuri isiraheli.”
Kugeza ubu rero umugambi wo kugandagura Ayatollah ntuhurizwako n’ibihugu vyose vy’iburayi aho nk’ubufransa bwaraye bugabishije ivyoshika mu gihe ubutegetsi bwa irani bwotembagazwa hakoreshejwe inguvu za Gisirikare.
Prezida macro wa France mu nama ya G7 ku musi w’ejo muri Canada,yavuze ko guhindura ubutegetsi bwa Irani biciye mu nguvu za gisirikare bizoteza akavuyo gakomeye mu bihugu biherereye mu Buseruko bwo hagati.





Recent Comments