Umumenyeshamakuru akaba n’umuyobozi wa radio RPA BOB Rugurika avuga ko abantu baherekeye CNDD-FDD mu matora y’ubusuma ari abahemu bahemukiye abarundi.
Kubwa Bob,inguvu z’abanyagihugu n’umuheto nivyo vyonyene bisigaye nayo amatora ntashobora gukuraho intwaro y’umukazo ya CNDD-FDD.

Mu kiganiro ijambo ni rwawe caciye kw’i radio RPA ku musi w’ejo igenekerezo rya 15 ruheshi 2025,umumenyeshamakuru akaba n’umuyobozi wa radio RPA Bob Ruburika yaragaye cane abantu bemera guhereza intwaro ya CNDD-FDD mu matora y’ubusuma.
Kubwiwe,uravye ukuntu guhera muri 2010 CNDD-FDD yagumye yiba amatora gushika 2020 vyari gutuma ata munyepolitike yiyumvira guherekeza umugambwe CNDD-FDD mu matora y’ubusuma gusa ataco ashikanako abarundi.
Uwo mumenyeshamakuru akaba avuga ko abaherekeje CNDD-FDD mu matora y’ubusuma ari abahemu bahemukiye abarundi.
Nkuko bibandanya bishikirizwa na bob Ruburika,intwaro z’igikenye nk’iya CNDD-FDD mu makungu hose zikurwaho n’umuheto canke abanyagihugu bagahagurukira rimwe mu butandukane bwabo bakayiyamiriza kuko amatora yo ntashobora kuyikuraho.





Recent Comments