UBM News ads

Umushikiranganji Ibrahim Uwizeye abuze inyishu atanga kukibazo c’igitoro

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kuva 2015 amakungu ahagaritse ibice 52% vy’amafranga mvamakungu yafashisha uburundi ,leta yaciye yikora kumarundi ivyatumye ikibazo c’igitoro kiba umuzi w’ibuye mu burundi nkuko bishikirizwa n’Umushikiranganji w’ubutare n’agataka Ibrahim Uwizeye.

Kubwa Ibrahim Uwizeye,abarundi bakore cane haboneke ibishoka hanze gutyo basezerere ikibazo c’igitoro Burundu.

Mu kiganiro n’abagize urwego nshingabikorwa rwa Leta cabereye muri komine cibitoke intara ya Bujumbura,umushikiranji w’ubutare n’agataka Ibrahim Uwizeye nta nyishu afise kukibazo c’igitoro.

Abajijwe ryari ikibazo c’igitoro kizotererwa umuti,umushikiranganji yemeza ko hamwe abarundi bokora cane hakaboneka ibishoka hanze nta nkeka iki kibazo c’ibitoro kizosezererwa burundu.

Kuwa Ibrahim Uwizeye ,kuva 2015 uburundi bwarafatiwe ibihano ivyatumye amakungu ahagarika ibice 52%vy’amafranga mvamakungu maze leta y,uburundi ica igira ikibazo c’igitoro.

Ibrahim Uwizeye yemeza ko naho amakungu yahagaritse infashanyo kuburundi,hari abarundi babigizemwo uruhara kuko baguma babusabira ibihano.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments