UBM News ads

Leta isubiremwo amatora ahurikiyemwo bose-keffa Nibizi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu runani Burundi bwa Bose bariyamiriza ivyavuye mu matora y’ubusuma.

Keffa Nibizi avugira urwo runani asaba Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro kudaha agaciro ivyavuye mu matora yo kuwa 5 ruheshi 2025 ahubwo Leta isubiremwo ayandi matora ahurikiyemwo Bose.

Mw’itangazo ryo ku musi w’ejo igenekerezo rya 12 ruheshi 2025,urunani Burundi bwa Bose rwaraye rwiyamirije ivyavuye mu matora yaranzwemwo n’ubusuma.

Keffa Nibizi avugira urwo runani yemeza ko kuva mu ntango abanyamigambwe benshi harimwo urunani Burundi bwa Bose batahengeshanije gusemerera ko amatora ariko atunganywa nabi.

Ku musi w’amatora rero ngo harabayemwo utunenge twinshi aho wasanga abantu babatorera,ugaherekezwa n’umuntu mu kazu k’itora,akakwereka aho utora.

Kubw’ivyo urunani Burundi bwa Bose rusaba sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro kudaha agaciro ivyavuye muri aya matora y’ubusuma ahubwo Leta itunganye ayandi ahurikiyemwo Bose.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments