Umushingamateka Agathon Rwasa avuga ko intwaro ya CNDD-FDD idashobora gutanga umuti w’ibibazo Uburundi burimwo,gutyo hakwiye inama rukokoma y’abarundi yotuma uburudi busubirana iteka.
Rwasa Agathon ati:”Amatoro bobanza kuyahagarika kuko nta nyishu kubibazo uburundi burimwo azotanga kiretse habaye inama rukokoma y’abarundi bose”.

Rwasa Agathon yihweje ibihe uburudi burimwo,asanga hakwiye inama rukokoma y’abarundi bose yotuma uburundi busubirana iteka.
Nk’umutumire mu kiganiro catunganijwe n’ishirahamwe FOCODE kuri uyu wa gatandatu twaraye turangije,Rwasa Agathon Yavuze ko ibihe uburundi buriko buracamwo biteye ubwoba.
Aha atanga akarorero kw’iduga ry’ibiciro ridasanzwe kuvyankenerwa mu gihugu eka mbere ikibazo c’igitoro eka mbere muri rusangi ubutunzi bw’igihugu bukaba butera busubira inyuma.
Kubw’ivyo rero Rwasa Agathon abona ko hotunganywa inama rukokoma yoca hirya no hino ibibazo uburundi burimwo maze hakaboneka umuti urama.
Rwasa Agathon arangiza asaba umukuru w’igihugu Prezida Evariste Ndayishimiye hamwe n’abayoboye igihugu bose kubona aho igihugu kigeze.





Recent Comments